Trump na Biden Barahangana mu Kiganiro Cabo ca Nyuma

Ifoto ya Perezida Donald Trump Ifatanije n'iya Joe Biden

Prezida wa Amerika, Donald Trump, ariko asubira kwitoza ku giti c’umugambwe w' Abarepublikani na Joe Biden, aserukira umugambwe w'Abademokrate baraza guhura mu mpari za nyuma uno musi ku wa kane ku migambi bafitiye abanyamerika mu gihe boramuka batowe mu mabanga y'umukuru w’igihugu.

Baza guhura amaso mu yandi uno musi ku wa kane mw’ijoro mu gisagara ca Nashville muri Reta ya Tennessee. Aza kuba ari saa cenda ku masaha yo mu Rwanda no mu Burundi. Abo bategetsi bompi barengeje imyaka 70 barashamiraniye mu mpari za mbere zamaze iminuta 90. Hari mu mpera z’ukwezi kw’icenda guheze.

Mu mpari za nyuma z’uyu musi, umurwi wigenga ujejwe gutunganya ibiganiro mpari wafashe ingingo y’ukuzimya amajwi y’umwe muri bo mu gihe uwundi azoba ariko aravuga mu kiringo c’iminuta ibiri.

Baza kwishura ku bibazo 6 biraje ishinga abanyamerika muri iki gihe bizoba vyatowe n’umumenyeshamakuru aza kuba ahagarikiye impari z’uno musi, Kristen Welker, akorera televiziyo NBC.

Mu mpari z’uyu musi, Abanyamerika bakigonanwa ku munyapolitike bazotora baraza kuronka akaryo ko kwibonera neza aho abo bakandida babiri bipfuza gushikana igihugu, mu gihe umwe muri bo azorahira kw’italiki 20 z’ukwezi kwa mbere mu mwaka utaza w’i 2021.