Perezida Donald Trump agabisha abiyerekana avuga ko badahagaritse hagiye gufatwa ingingo ruhasha. Yabivuze abicishije mu butumwa ku rubuga rwiwe rwa Twitter. Ni ubutumwa umuhora wa Twitter wahavuye unyegeza mu gusigura ko bunyuranye n’amategeko yawo awubuza gucishaho ubutumwa bugambije kugirira nabi umurwi kanaka canke umuntu kanaka.
Abamaze iminsi biyerekana biyamiriza ivangura rukoba n’inguvu zikoreshwa na polisi. Ni inyuma y’urupfu rw’umwirabure Georges Floyd yacikanye inyuma yaho umupolisi w’umuzungu abonetse ku mashusho amufukamyeko, mu majambo yiwe ya nyuma nawe akagira ati: “Ndabuze impwemu”
Ejo ku wa kabiri, umutekano ku murwa mukuru Washington DC wiriwe wakajijwe na cane cane mu micungararo y’ahari ingoro n’ibiro vy’umukuru w’igihugu, Maison Blanche. Abiyerekana bamaze iminsi bagandagaje muri ako gace.