Tanzaniya Yiteguriye Kwirukana Impunzi Zose z'Abarundi

Impunzi z'Abarundi i Kigoma mu burengero bwa Tanzania, kw'itariki ya 19/05/2019

Reta ya Tanzaniya itangaza ko yipfuza kubona impunzi z’Abarundi zose zatashe mu ntango z’ukwezi kwa kane uyu mwaka, abarenga 1000 iheruka kwima ubuhungiro na bo bahabwa ukwezi kumwe ko gukinjura bitabaye uko bagatabwa mu mvuto.

Ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka zina muntu kw’isi, Human Rights Watch, rihamagarira Leta y’ico gihugu guhagarika iyo ngingo yayo.

Iryo shirahamwe ryemeza ko amatohoza ryakoze yerekana ko abarinze bahunga iyo basubijwe mu gihugu c’Uburundi bashobora kugirirwa nabi. Abategetsi ba Tanzaniya bavuga ko uko biri kwose batazokwisubirako. Mu kiganiro baheruka kugirana n’impunzi z’Abarundi babumvishije ko kuri iyi ncuro « imikino yaheze ».

Impunzi z’Abarundi zisigaye muri Tanzaniya ubu zirenga ibihumbi 82 nk’uko ibitigiri vy’amashirahamwe afasha impunzi na HCR bivyerekana. Izerekewe n’iyi ngingo nshasha mu yandi makambi abiri arimwo Abarundi ariyo Mutendeli na Nyarugusu ntiziramenyekana.

Inkuru yateguwe n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Eloge Wily Kaneza.

Your browser doesn’t support HTML5

Tanzaniya Yiteguriye Kwirukana Impunzi Zose z'Abarundi