Tanzaniya Yataye muri Yompi Abatavuga Rumwe na Reta Batari Bake

Freeman Mbowe na bamwe mu bamushigikiye

Tanzaniya yataye muri yompi abatavuga rumwe na Reta batatangajwe igitigiri. Itororokanirizo ry’amakuru ry’abafaransa, AFP, dukesha ino nkuru naho ritatangaje bangahe bahagaristwe, ryavuze ko ari benshi mu bashigikiye Freeman Mbowe, umukuru w’abatavuga rumwe na Reta Tanzaniya.

Abatawe muri yompi bahagaristwe n’igiporisi kijejwe kurwanya imigumuko muri Tanzaniya kibasanze imbere ya sentare yari kuberamwo urubanza rwa Mbowe ku vyaha vy’iterabwoba, yagirizwa. Vyari bitegekanijwe kw’urwo rubanza rwumvirizwa ku buryo bwa videwo uno munsi rwungururijwe ejo ku wa gatanu bivuye ku ngorane z’ubuhinga bwa none nk’uko vyatangajwe n’uwuburanira uwo munyepolitike.

Freeman Mbowe atwara umugambwe Chadema ukomeye mu yitavuga rumwe na Reta ya Tanzaniya, yahagaristwe mu mpera z’ukwezi kw’indwi aho yari kumwe n’abayoboke biwe bagira bakorane inama yo gusaba impinyanyuro zimwe zimwe zoshirwa mw’ibwirizwa nshingiro rya Tanzaniya. Inyuma y’aho, yegetsweko icaha c’iterabwoba no gutanga amafaranga yo kurishigikira.

Amategeko ya Tanzaniya atomora ko uwagiriwe n’ivyo vyaha adashobora gutezurizwa naho yotanga ingwati. Abaharanira agateka ka zina muntu na bamwe mu baserukira ibihugu vya Buraya muri Tanzaniya batangaje ko batewe impungenge n’ivyaha uwo munyepolitike yagirizwa, ihagarikwa ryiwe n’iry’abayoboke biwe.