Tanzaniya: Perezida John Magufuli Yarahiriye Manda ya Kabiri

Prezida w'igihugu ca Tanzaniya, John Magufuli yarahiye mu mabanga y'ukuyobora igihugu mu kiringo kigira kabiri inyuma y'amatora yabayemwo ibibazo.

Yarahiye uno musi ku wa kane mu mabanga y’ukuyobora igihugu mu kindi kiringo c’imyaka 5. Ingingo zikomeye zerekeye umutekano zari zafashwe igihe yarahira.

Mw’ijambo ritamaze igihe kinini yashikirije igihe yarahira, perezida Magufuli yemeye gushira mu bikorwa imihango yatanze igihe yiyamamaza harimwo gukomeza ubutunzi bw’igihugu n’ukuronsa abanyagihugu ubuzi bushasha, cane cane abakiri bato. Amenyesha ko yumva amabanga ashinzwe.

Ntaco yavuze ku vyagirizo vyuko habaye ubusuma amu matora. Yamara yatangaje ko amatora mu bindi bihugu yabayemwo akajagari, imigumuko n’amatati y’igihe kirekire. Ngo yamara abanyatanzaniya n’abantu bakunda amahoro na demokrasi.

Abatavuga rumwe na Reta basavye ko haba amatora mashasha, umurwi w’igihugu ujejwe amatora ugasamburwa. Basaba kandi ko haba imyiyerekano ibaye mu mahoro y’ukwiyamiriza amatora yabaye kw’italiki 28 z’ukwezi kw’icumi.

Magufuli yatangaje mu mpera z’iyi ndwi turangije ko atazorondera ikindi kiringo inyuma yaho. Ni mu gihe hari impungenge ko umugambwe uri ku butegetsi, watsindiye ibibanza nka vyose mu nama nshingamateka, ushobora kugerageza kwongereza ibiringo vy’umukuru w’igihugu vyari bisanzwe bitarenga bibiri.

Abatavuga rumwe na reta bavuga ko amatora yaranzwe n’utunenge twinshi. Reta zunze ubumwe za Amerika n’ibindi bihugu vyatangaje ko hari ibintu vyerekekana ko amatora yabayemwo ibibazo.