Tundu Lissu, umunyepolitike atavuga rumwe na Reta ya Tanzaniya yahatswe kwicwa mu mwaka w'i 2017 yatangaje ko yiteguriye gusubira mu gihugu ciwe c'amavuko.
Atahutse kugira azoshobore kwitoza mu mabanga y’umukuru w’igihugu. Yabitangaje mu gihe haheze iminsi polisi ya Tanzaniya igabishije abamushigikiye kudakorana mu buryo butemewe n’amategeko kugira bamwakire.
Lissu, umwe mu bantu banebagura bikomeye Reta ya Prezida John Magufuli, yarashwe incuro 16 mu gitero cakozwe n’abantu batamenyekanye hanze y’aho aba ku murwa mukuru wa politike Dodoma mu kwezi kw’icenda, umwaka w’i 2017.
Ico gihe, Magufuli yariyamirije igitero cakozwe kuri Lissu, ategeka inteko zijejwe umutekano gutohoza. Yamara nta muntu n'umwe yahagaritswe kuri ico gitero.
Yahagaritswe incuro umunani mu mwaka w’imbere yuko araswa. Yagirijwe gukokeza abantu guhungabanya umutekano w’igihugu. Ubwa nyuma yahagaritswe hari mu mwaka w’i 2017. Yararekuwe, yongera kuraswa mu birenga gatoyi indwi zibiri inyuma yaho. Kuva ico gihe yabaye mu buhungiro mu gihugu c’Ububiligi, aho yivurije.
Tundu Lissu, icegera c’umukuru w’umugambwe utavuga rumwe na Reta, CHADEMA afise imigambi y’uguhiganwa mu matora y’umukuru w’igihugu azoba mu kwezi kw’icumi kw’uyu mwaka. CHADEMA ni wo mugambwe ukomeye cane utavuga rumwe na Reta muri Tanzaniya.