Abanyasudani barazihaye uburaro, bazemerera kubana nabo. Ivyo naho batavuga ururimi rumwe. Abantu barenga 25,000 baturuka mu ntara ya Tigray muri Etiyopiya bamaze guhungira muri Sudani.
Ishirahamwe rijejwe kwitaho impunzi kw’isi, HCR n’ayandi mashirahamwe ajejwe gutabara arashigikiye ingingo y’igihugu ca Sudani ku ruhagarara rutera rviyongera mu ntara ya Tigray. Ayo mashirahamwe amenyesha ko hakenewe uburyo bwihutirwa bw’ukuronsa ibintu ndengerwako impunzi zikeneye.
Intara ya Tigray, iri mu buraruko bwa Etiyopiya igeramiwe n’ingwano kuva kw’italiki 4 z’uku kwezi kw’icumi na rimwe kuva umushikiranganji wa mbere, Abiy Ahmed ategetse ibikorwa vya gisirikare muri iyo ntara.
Iyo ngwano ivurwa ko imaze guhitana abantu amajana n’amajana, abandi ibihumbi n’ibihumbi bahungira mu gihugu ca Sudani gihana urubibe na Etiyopiya.