Barekuwe mu mpera z’indwi irangiye inyuma y’amezi atari make y’ibiganiro n’abari babagize imbohe. Iyo nkuru itangazwa n’umutegetsi akomeye ajejwe iperereza muri Somaliya atashatse ko izina ryiwe rimenyekana kubera atari arekuriwe kuvugana n’itangazamakuru. Nta birenga ngaho yamenyesheje.
Abajejwe iperereza muri Somaliya, babisabwe na Reta y’igihugu ca Cuba, baraganiye ivyerekeye irekurwa ry’abo baganga 2 b’Abanyacuba. Ni inyuma yuko baronse amasanamu ya video abarekana amezi makeyi y’imbere yaho.
Umushikiranganjai ajejwe imigenderanire wa Cuba, Brurno Rodriguez, yemeje irekurwa ryabo. Yashimiye Reta ya Somaliya kuba yarafashije muri ico gokorwa.
Yatangaje ko yavuganye n’ umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Somaliya, Ahmed Isse Awad.
Ivyerekeye ikibanza a bo baganga 2 b’abanyacuba barimwo uno musi ku wa gatatu ntivyari bitomoye buno nyene