Bombe yagirizwa umurwi al-Shabab yaturikiye hanze y'ishule ku murwa mukuru wa Somaliya, Mogadisho, uno musi ku wa kane, ihitana abantu batari musi y'umunani harimwo abana, nk’uko bitangazwa n'ababonye ivyabaye.
Umuvugizi w’igipolisi, Abdifatah Adam Hassan, amenyesha ko uretse abantu 8 bapfuye, abandi 17 bakomeretse, baraheza banyarukanwa mu bitaro. Ico gitero cabaye mu masaha ya kare yo mu gitondo c’uno musi ku wa kane. Umurwi w’intagondwa z’abayislamu, al-Shabab watangaje ko ari wo wakoze ico gitero casambuye igice c’iryo shule.
Mohamed Osman avuga ako yariko yigisha abanyeshule biwe igihe iyo bombe yaturika. Amenyesha ko umwotsi n’umukungugu vyabarengeye. Ico gitero kibaye mu gihe Somaliya ihanganye n’ibibazo bikomeye vya politike n’umutekano.
Vyari bitegekanijwe ko inteko z’umuryango w’ubumwe bwa Afrika ziva muri Somaliya. Yamara ikiringo cazo carongerejwe bivuye ku mpungenge ko inteko z’ico gihugu zititeguye ku bijanye no gucungera umutekano mu gihugu.
Bitegekanijwe ko amatora yatebeshejwe mu kiringo kirekire muri Somaliya yari ategekanijwe kuba mu kwezi kwa kabiri kw’uyu mwaka. Yamara muri iki gihe bisa nuko azoba mu mwaka uza. (AP)