Kur' uno musi wa mbere niho igihugu c’Ubuhindi cuguruye icese ikibanza gitunganya uruja n'uruza rwa Gali ya Moshi ca Delhi mu gice ca mbere c’umugambi wo kworosha amategeko mu bihe bidasanzwe.
Kuva ubu, gari ya moshi zemerewe gutangura gukora amasaha ane mu gitondo n’ayandi ane ku mugoroba. Yamara ico gikogwa ntikiriko kigenda neza mu buryo bushimisha inzego z’umutekano.
Ingenzi zose zifata ingendo zinjiye mur' ico kibanza zirinda gupimwa ubushuhe. Vyongeye, zitegekwa kwambara agapfukamunwa, zikongera zigakwirikiza amametero yo kutegerana bari mu rugendo.
Abajejwe umutekano barungitswe kuri buri bibanza abantu binjiriramwo canke basohokeramwo kugira bahimirize abantu gukwirikiza ayo mategeko yo kwikingira ikiza ca Corona.
Abategetsi bavuga kw'ibibanza vyose gari ya moshi zihagararamwo bigiye kuza birasukurwa buri saha. Kugeza ubu, mu gihugu c’Ubuhindi abantu imiriyoni zine n’ibice bibiri ni bo bamaze kwandura umugera wa Corona.