Siriya mu Matora Ashobora Kutitabirwa n'Abatavuga Rumwe na Reta

Perezida wa Siriya Bashar al-Assad

Siriya izotunganya amatora y’umukuru w’igihugu igenekerezo rya 26 z’ukwezi kuza kwa gatanu. Vyatangajwe n’umuvugizi w’inama nshingamateka kuri uno wa Mungu, yavuze ko abakandida bashaka guhiganira intebe ya Prezida bashobora gutangura gutanga kandidatire zabo kuri uno wa mbere.

Ibwirizwa shingiro rya Siriya riheruka guhindurwa mu 2012 rivuga ko ata mukuru w’igihugu yemerewe kurenza manda zibiri. Rihindurwa ico gihe ariko ryatomoye ko uwuzotahukana intsinzi mu 2014 azoba afise uburenganzira bwo kwitoreza manda yindi y’imyaka indwi mu 2021: Prezida Bashar Al-Assad rero arafise uburenganzira bwo kwitoreza manda ya gatatu.

Iyindi ngingo iri mw’ibwirizwa nshingiro rya Siriya iha amahirwe menshi Bashar Al-Assad, ivuga ko umukandida abwirizwa kuba afise n’imiburiburi abashingamateka 35 mu nama nshingamateka kugira yemererwe kwitoza: Abashingamateka bari ku ruhande rwa Assad ni bo benshi.

Iryo bwirizwa shingiro riraza mu yindi ngingo yaryo rikavuga ko umukandida yemererwa kwitoza mu kibanza ca Perezida aba yabaye mu gihugu n’imiburiburi imyaka cumi ikurikirana, vyumvikana ko abenshi mu banyepolitike bari mu buhungiro ata burenganzira bwo kwitoza muri ano matora bazoba bafise.

Naho Bashar Al-Assad yagiye ku butegetsi mu 2000 asubiriye se Hafez Al-Assad, ahabwa amahirwe menshi yo kuguma ku butegetsi, ntaravuga niba afise umugambi wo gusubira kwitoreza manda ya gatatu y’imyaka indwi.

Amatora ya Siriya yo mu kwezi kuza kwa gatanu agiye kuba mu ntambara itaracureha n’ubutunzi bugeze aho umwansi ashaka muri ico gihugu. Ni amatora kandi azosanga abanyesiriya batari bake mu makambi y’impunzi yaba ayo hagati mu gihugu canke mu bindi bihugu. Intambara imaze igihe muri Siriya imaze guhitana n’imiburiburi abantu bagera ku bihumbi 388.