Igihugu ca Singapore kimenyesha ko umushikiranganji waco ajejwe imigenderanire n’amakungu yiteguriye urugendo i Pyongyang muri Koreya ya ruguru.
Urwo rugendo rugiye kuba imisi mike imbere y’uko Singapore yakira umukuru w’igihugu ca Koreya ya Ruguru na mugenzi we wa Amerika mu nama yitezwe cane hagati y'abo bategetsi.
Urugendo umushikiranganji Vivian Balakrishnan azokora kuri uno wa kane muri Koreya ya Ruguru ruzomara imisi ibiri, rubonwa nk'urugendo rutegura umubonano wa Trump na Kim mu gihe Singapore icuditse na Amerika co kimwe na Koreya ya Ruguru.
Prezida wa Amerika Donald Trump na mugenzi we wa Koreya ya Ruguru, Kim Jong Un bazobonana kw’itariki ya cumi na zibiri z’uku kwezi kwa gatandatu.