Sindimwo Yipfuza ko mu Burundi Hasigara UPRONA na CNDD-FDD

Icegera ca mbere c'umukuru w'igihugu c'Uburundi mu matora ya kamarampaka

Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu c’Uburundi Gaston Sindimwo yipfuza ko inyuma y’amatora yo mu 2020 hokwemererwa gukora umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD na UPRONA gusa, iyindi yose igafutwa.

Mu kiganiro yahaye Ijwi ry’Amerika agaruka ku iburabuzwa ry’ibikorwa vy’imwe mu migambwe irimwo UPRONA mu ntara ya Cibitoke no mu bindi bice vy’igihugu, Sindimwo yasiguye ko mu bituma haba ukutumvikana n'ugushamirana harimwo ubwinshi bw’imigambwe kandi itaboneka ku rubuga.

Mu mugambwe FRODEBU waharaniye wongera utsinda amatora yatanguje Demokarasi mu Burundi bemeza ko iciyumviro ca Sindimwo kiramutse cumviwe demokarasi mu Burundi yoba isezerewe. Pierre Claver Nahimana arongoye uwo mugambwe yemeza ko bikaramuka bibaye hazoba hahonyanzwe amategeko.

Inkuru yateguwe n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika i Bujumbura Raymond Nzimana

Your browser doesn’t support HTML5

Kubera iki Sindimwo Yipfuza Imigambwe ibiri gusa mu Burundi?