Ejo Bite? - Ishure ry'Intango mu Kigwati ca Nyarunazi mu Ntara ya Muyinga

  • Lucine Nsabimana
Iyubakwa ry’ishure ry'intango mu Kigwati c'Amahoro c'i Nyarunazi mu ntara ya Muyinga, rizofasha abana bagihunguka barishikiyemwo

Iyubakwa ry’ishure ry'intango mu Kigwati c'Amahoro c'i Nyarunazi mu ntara ya Muyinga, rizofasha abana bagihunguka barishikiyemwo, hamwe n'abandi basanzwe baba muri iyo micungararo.

Ishure rito ry’ikigwati c’amahoro c’i Nyarunazi rizokwugururwa mu mwaka w’ishure buca utangura. Nk’uko twavyiboneye, rigizwe n’amasomero atandatu. Umugambi PARESI wakira abahunguka wongera usubiza mu zabo abaziteshejwe ubisigura uvuga ko ubwo buke bw’amasomero bwavuye ku buryo bwabonetse.

Jacqueline Nirera umurerwa, avuga ko ayo mashureari meza, kandi ko arusha ubwiza ayandi yari amaze kubona yose. Turetse amabati, amadirisha n’imiryango yayo, avuga ko ashimishwa kurusha n’akarangi bayasize. Abarongoye umugambi PARESI bamenyesha ko iryo shure atari iry’abana bo mu kigwati gusa.

Fabien Yamuremye arongoye uwo mugambi, avuga ati,“kandi rero ico nagomba kuvuga si ishure rya barya bo mu kigwati gusa, ni ishure ryo kuri urya mutumba rizokwigamwo n’abandi bana bose bo mu micungararo. Bishitse rero bagasanga ari rito bazoheza basabe bongere baryungure, bashireko ayandi mashure azoba akenewe…”

Abana bararindiranye igishika cinshi iyugururwa ry’iryo shure. Kaba nkako iryo shure rizoba kirumara mu buzima bw’abanyeshure, baba abato canke abisumbuye.

Ku ruhande rumwe, ni akaryo ko gusubira kwiga ku bari barahevye, kandi niwo mwizero Jacqueline Nirera, umwana w’imyaka 11, asangiye na bagenzi we. Ku rundi ruhande, Ezechiel Ntamavukiro, umuvyeyi, avuga ko iryo shure rizopfunyira urugendo abasanzwe biga kure. Umwe mu rwaruka, Manirambona Sandrine, avuga ko abavyeyi bakwiye guhimiriza abana kurusha, kugira ngo umwete wabo ugume wiyongera mu mashure. Impera n’imperuka bazogaragara ko iterambere rikomoka kw’iyongerekana ry’umwete w’abanyeshure. Icifuzo ca kazoza ka Jacqueline Nirera n’uko yoronka urupapuro gw’umutsindo mu vyerekeye ubwigisha.

Ikibazo cega abavyeyi n’uko bokwiyemeza gukurikirana abana, kugira ngo bagume mu mashure. Ezechiel Ntamavukiro avuga ati : «ariko ng’aha ho ni hagufi. Ni yaza ngaha, kubera ko ari hafi, uzoshobora kumukurikirana wewe umuvyeyi wiwe, umenya ko yashitse kw’ishure canke ko atashitse kw’ishure. Ariko mu gihe ari kure, umuvyeyi akavyuka uja guca ingero, ntaheza ngo amenya yuko umwana yagiye kw’ishuri,canke ngo amenye ko yagarukiye mu nzira .Umwana muhurira muhira ku mugoroba, kumbure atagiye kwishure, yiriwe arayerera ahandi hantu arondera kumbure utwomufasha ... »

Abategetsi b’umugambi PARESI batubwira ko inyubakwa z’umuyobozi, abigisha hamwe n’ibibuga vy’inkino bitegekanijwe.