Umufasoni Samia Suluhu Hassan amaze kurahira kuri uyu wa gatanu kugira abe umukuru w’igihugu ca Tanzaniya. Uwo yahora ari icegera c’umukuru w’igihugu asubiriye nyakwigendera John Pombe Magufuli aherutse kwitaba Imana nk’uko ibwirizwa nshingiro ry’ico gihugu ribitegekanya. Uwo abaye Perezida wa mbere w’umugore atwaye igihugu ca Tanzaniya azwi ko agenza make cane. Yitezweko impinduka cane cane mu mugambwe wiwe CCM.
Umufasoni Samia Suluhu Hassan yarahiye kuri uyu wa gatanu imbere ya reta, inama nshingamateka na sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro. Yiyemeje kubaha amategeko yose agenga igihigu, gutwarira neza bose ata numwe akumiriye, no kubahiriza uburenganzira bwa kiremwa muntu.
Samia Suluhu arindiriwe n’amabanga akomeye nk’uko abahinga co kimwe n’abatavuga rumwe na reta ya Tanzaniya bavyemeza.
Muri ivyo harimwo kunagura igisata ca demokarasi, ubwisanzure mu gushikiriza ivyiyumviro, iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu, ubwigenge bw’itangazamakuru n’ibindi.
Nk’akarorero, umugambwe Chadema ukomeye muyitavuga rumwe na reta watangaje ko ufise abanywanyi bawo barenga 200 bafunzwe kubera ivyaha bifitaniye isano n’amatora yabaye ku mwaka uheze. Uwo mugambwe witeze ko abo barekurwa co kimwe n’abandi baharanira agateka ka zina muntu n’abamenyeshamakuru bafunzwe.
Ikindi gisata kimurindiriye ni ico kurwanya ibiturire no kurwanya ivyaha vyambukiranya imipaka. Ibi, na we nyene arabifise mu myitwarariko. Perezida Samia Suluhu Hassan, yabibwiye umunyamakuru w’Ijwi rya Amerika mu mwaka w’2016, i Arusha muri Tanzaniya. Yariko akebura igipolisi n’abandi bakora muri ico gisata.
Ni umufasoni avuga make, n’ijwi ryiyoroheje. Iradiyo y’abongereza BBC, yamubajije igituma na we yishura ati:
“Simfise ijwi ryo hejuru nk’abandi batanzaniya. Mvuga nitonze. Ariko kugira utange itegeko, abantu bagutahure ntibikenewe ko usemerera. Ndashobora kukubwira n’ijwi ryiyoroheje, bukebuke ariko nakaze kandi nashimitse”.
Akunze kuboneka agira ingendo zitategujwe mu biro vy’abakozi ba reta kuraba ko batonze kukazi ku masaha n’ingene bakora akazi kabo. Gusa aha, abahinga bemeza ko agifise igikorwa kuko abatanzaniya bazwi ko badakunda akazi cane.
Umwe mu bamwegereye yemereye ikinayamakuru Reuters ko ari mu bantu batakunda umurongo igihugu cari gitwawemwo, usa nk’uw’intwaro z’umukazo aho abatavuga rumwe na reta canke uwundi wese avuga ibitagenda neza atihanganirwa. Uwo yagize ati: “Sinkekeranya ko hagiye kuba impinduka zikomeye ku ntwaro ya Samia Suluhu”.
Abandi bahinga harimwo n’abigisha muri za Kaminuza nka Aikande Kwayu, canke umunyamategeko Fatma Karume, bemeza ko Samia Suluhu Hassan adashobora gutwara nka Magufuli, batazira Buldozer.
Bagize bati: “Ntawigeze amubona akura abategetsi mu ruhame, canke atukana n’abatavuga rumwe na reta. Ashobora kuba abona kure niyaronka abamufasha beza. Aratandukanye cane n’uwo asubiriye. Aricishije bugufi kandi aboneka nk’umutegetsi ashira hamwe abantu akabumvikanisha. Ikindi na co ahava muri Zanzibar bigishijwe ingendo yo kubaha abantu kuko ku bwabo muzoteba mugahurira mw’itongo ry’abapfuye”.
Urundi rugamba rutoroshe abahinga bavuga ko abwirizwa kwihatirako ni urwo kurwanya ikiza c’umugera wa Korona.
Muri ico gihugu, Perezida Magufuri yari yatangaje ko ico kiza atakihari ndetse ahamagarira abantu kunywa imiti y’igitanzaniya atari iyo kwa muganga, kutambara ubufukamunwa n’ibindi.
Igihe ibindi bihugu vyahagarika ingendo, bigafata ingingo zo kwugara amashure n’amasengero n’ibindi, muri Tanzaniya nta ngingo nimwe nkiyo yafashwe. Perezida yahamagariye abantu gusenga gusa.
Yamara igihe Perezida Mushasha yaja kunamira ikiziga ca Magufuli, Samia Suluhu Hassan, abamugendaniye n’abamucungerera ubuzima babonetse bose bambaye ubufukamunwa kandi bategeranye, kuri uyu wa kane.
Samia Suluhu Hassan, ni umuyislamu w’imyaka 61 yavukiye muri Zanzibar, izinga ryegamiye ico gihugu ariko ubu risigaye ryigenga rikagira n’umukuru w’igihugu waryo.
Yizewe n’umugambwe umaze imyaka irenga 30 ku butegetsi CCM kuba icegera ca Nyakwigendera Perezida Magufuli mu mwaka w’2015. Yarabaye mu nzego za Reta mu bibanza bitari bike bikomeye nk’umushikiranganji kuva mu mwaka w’2000.