Jean-Baptiste Gatete Yarasomewe Urubanza

  • Fidele Niyongabo

Jean-Baptiste Gatete Yarasomewe Urubanza

Jean-Baptiste Gatete yahoze ari umutegetsi mu bushikiranganji bujejwe abapfasoni,

Sentare mpuzamakungu mpanavyaha ikwirikirana abikekwa ko bagize uruhara mw’ihonyabwoko ryabaye mu Rwanda mu mwaka 1994, yaraciriye Jean-Baptiste Gatete yahoze ari umutegetsi mu bushikiranganji bujejwe abapfasoni, umunyororo wo gupfungwa zero, ku ruhara yagize mw’ihonyabwoko ryabaye mu Rwanda, mu mwaka’1994.

Iyo Sentare mpuzamakungu, yaratangaje ejo ku musi wa kabiri ko Jean-Baptiste Gatete, yagiriwe n’ivyaha vyo kugandagura abaTutsi amajana n’amajana, mbere bashobora kuba, ari ibihumbi n’ibihumbi mu buseruko bw’Urwanda.

Abacamanza basanze Gatete yaragize uruhara mu gutera ubwo bwicanyi, bakaba bamwegetseko ivyaha vy’ihonyabwoko.

Umucamanza mukuru Khalida Khan, yaciriye Getete umunyoror wo gupfungwa ubuzima bwiwe bwose.

Urwo, rwababaye urubanza rwa mbere, iyo Sentare mpuzamakungu isomye, mur’uyu mwaka.

Iyo Sentare mpuzamakungu, yashizweho kugira icire imanza abikekwa ko bagize uruhara rukomeye mw’ihonyabwoko ryabaye mu mwaka w’1994 mu Rwanda.