Ni bwo buzi bwinshi bubonetse kuva mu kwezi kw’icumi mu mwaka urangiye w’i 2020. Ni ikimenyetso ko ubutunzi buriko buranaguka kurushiriza.
Ni intambwe ikomeye umuntu abigereranije n’ubuzi 166,000 bwiyongeye ku butunzi bw’igihugu mu kwezi kwa mbere hamwe n’ubuzi 306,000 bwatakajwe mu kwezi kw’icumi na kabiri mu mwaka urangiye.
Yamara naho biri uko, ni igice gitoyi c’ubuzi imiliyoni 10 bwatakajwe bivuye ku kiza ca Covid-19.
Ubushomeri bwaragabanutse ku rugero rwa 6.2 kw’ijana nk’uko vyatangajwe n’ubushikiranganji bujejwe akazi uno musi ku wa gatanu, mu cegeranyo bwama bushira ahabona uko ukwezi gutashe, kubijanye n’akazi.
Ikiza ca Covid-19 kimaze umwaka carasinzikaje bikomeye ubutunzi bw’Amerika. Abahinga mu vy’ubutunzi bafise icizere ko gutanga akazi bizokwiyongera mu mezi ari imbere mu gihe abanyamerika bazoba basubiye gutembera, kugura ibintu, kurorera inkino, kuraba amasinema hamwe n’ukuja mu buriro n’ubunywero.
Abahinga mu vy’ubutunzi bavuga ko abanyamerika batari bake bashoboye kuziganya amafranga muri iki gihe c’ikiza ca Covid-19.
Bitegekanijwe ko menshi muri ayo mafranga azokoreshwa igihe benshi muri bo bazotangura kwumva ko bashobora kugira uruja n’uruza nka mbere.