Umuntu umwe yishwe mu myiyerekano yo kwiyamiriza inteko zijejwe gucungera umutekano z'ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu buseruko bwa Republika ya demokrasi ya Congo.
Umukuru w’igisagara ca Oicha, Nicolas Kikutu, yatangaje ko uwo muntu yishwe, igihe igipolisi cariko kigerageza gushwiragiza abari mu myiyerekano n’ugukuraho bariyere bari bashize mw’ibabarabara rikuru ry’ico gisagara.
Ababa mu bisagara vyo mu buseruko bw’igihugu baragize imyiyerekano itari mike mu ndwi iheze ku bwicanyi bwakozwe n’imirwi yitwaje ibirwanisho hamwe n’ishavu ku vyo bagiriza inteko zijejwe umutekano za ONU ko zananiwe guhagarika ubwicanyi bukorwa ku basivile.
Abakiri bato mu gisagara ca Oicha, kiri ku bilometero 390 mu buraruko bw’igisagara ca Goma, bazibiye ibarabara rikuru mu masaha ya kare y’uno musi ku wa kane mu gihe imyiyerekano ibandanya. Jean Pierre Wumbi, umukuru w’igipolisi mu karere ko mu buseruko bwa Congo avuga ko inteko zijejwe umutekano zariko zikora akazi kazo.
Imyiyerekano yabaye uno musi ku wa kane kandi no mu bindi bisagara vyo mu buseruko bw’igihugu birimwo Beni na Butembo.