Abikekwa ko ari abarwanyi b'umurwi ADF bagandaguye abantu 23 mu buseruko bwa Republika ya Demokrasi ya Congo. Abarwanyi b’uwo murwi barateye imihana y’ahitwa Beu Manyama-Moliso mu karere karimwo umutekano muke ka Beni mu masaha akuze yo mw’ijoro ryo ku musi wa kabiri. Iyo nkuru yatangajwe uno musi ku wa gatatu na bulamatari w’intara ya Kivu yo mu buraruko, Carly Nzanzu Kasivita, wavuze ko igisirikare ca reta catabaye, cica abarwanyi 2.
Beu Manyama-Moliso, ni ikigwati gitoyi kiri mu mashamba y’akarere ka Beni, hafi y’urubibe n’intara ya Ituri.
Reta zunze ubumwe za Amerika zaratangaje mu ntango z’uku kwezi ko umurwi ADF ukorana na reta ya Kiyislamu.
Ku bw’ishirahamwe ritegamiye reta, Kivu Security Tracker (Barometre securitaire du Kivu, mu gifransa) rikwirikirana ubwicanyi n’uruhagarara mu buseruko bwa Congo, umurwi ADF wishe abasivile barenga 1,2000 mu karere ka Beni konyene kuva mu mwaka w’i 2017.
Kw’itariki 19 y’ukwezi kwa gatatu, ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryaratangaje ko ibitero vy’umurwi ADF kuva mu ntango z’uyu mwaka vyahitanye abasivile bagera ku 200, bituma abandi 40,000 bahunga ingo zabo.
Igisirikare ca Congo kimenyesha ko casavye ibihugu bibanyi gufasha kurwanya imirwi yitwaje ibirwanisho ikorera mu buseruko bw’igihugu. Raporo za ONU zivuga ko imirwi yitwaje ibirwanisho igera kw’i 122 ikorera mu buseruko bwa Congo.