RDC: Abantu 40 Bahiriye muri Bisi Yagize Isanganya i Kinshasa

Abantu bagera kuri 40 bahiye igihe ibisi yagira isanganya mu burengero bwa Republika ya Demokrasi ya Congo.

Iryo sanganya ryabereye hafi y’imihana y’ahitwa Kiwawa mu buseruko bw’umurwa mukuru, Kinshasa.

Iyo nkuru yatangajwe na Bulamatari w’intara ya Kwilu, Willy Itshundala. Amenyesha ko mu bantu 31 barokotse muri iryo sanganya, 9 muri bo bakomeretse bikomeye cane.

Amasanamu yahererekanijwe ku mbuga ngurukanabumenyi yerekanye bisi yagize iryo sanganya iriko iraka umuriro, ivyamwa vyari muri yo vyasanzaye mw’ibarabara.

Impanuka ziha inkumbi zirakunda kuba muri Congo, igihugu kingana akarere k’Ubulaya bwo mu burengero mu bunini. Amabarabara muri ico gihugu ameze nabi kubera ukutitabwaho neza.

Urwego rw’igihugu rujejwe kwirinda amasanganya mu mabarabara rumenyesha ko habaye impanuka incuro 1,895 mu mabarabara mu ntara ya Kivu mu mwaka w’i 2019 wonyene, aho abantu 261 bahasize ubuzima.