Prezida wa Guinée Yoba Ari mu Minwe y'Abajwejwe Umutekano

Prezida wa Guinee Alpha Condé

Abantu babiri ni bo bamaze kumenyekana ko bakomerekeye mu micungararo y’ahari ingoro y’umukuru w’igihugu i Conakry ku murwa mukuru wa Guinée. Itororokanirizo ry’amakuru y’abongereza, Reuters, Ijwi ry’Amerika rikesha ino nkuru rivuga ko mu gatondo k’uno wa Mungu humvikanye amasasu menshi mu micungararo y’ingoro ya Prezida Alpha Condé

Umwe mu bagize Reta ya Guinée atatangajwe amazina yabwiye Reuters ko Prezida Alpha Conde w’imyaka 83 ataco yabaye. Nta birenze aho uwo mutegetsi yatangaje. Ku mbuga ngurukanabumenyi zitandukanye na cane cane iz’abakoresha ururimi rw'igifaransa, abenshi bariko yamara bandika ko Prezida Conde yoba ari mu minwe y'abajejwe umutekano.

Nicolas Normand, yahoze aserukira Ubufaransa muri Mali, muri Senegali na na Congo Brazaville ku rubuga rwiwe rwa Twitter, yashizeko videwo n'amafoto yemeza ko Prezida Conde ari kumwe n'abo yavuze ko batembagaje ubutegetsi bwiwe.

Ikindi itororokanirizo ry'amakuru y'abongereza Reuters ivuga ni uko gushika ino saha itaramenya abarasanye naho hari ayandi makuru ava mu gisirikare ca Guinée yemeza ko mu mpande zarasanye, harimwo bamwe mu basirikare “bashavuye”. Urwo ruhande ntirutomora icateye ishavu ry’abo basirikare boba bari mu bamijaguye amasasu.

Irindi soko Reuters ivuga ko ivanako amakuru mu gisirikare, ryavuze ko akarere gakoreramwo ubushikiranganji nka bwose bwa Guinée ari naho hari ingoro y’umukuru w’igihugu gakikujwe n’abasirikare bameze magabo, bafise ibirwanisho bikomakomeye.

Amwe mu masanamu Reuters ifise ariko itarashobora kumenya niba ari ay’ukuri yerekanye imiduga ya gisirikare yuzuye abasoda iriko yerekeza ahari banki y’igihugu. Abavyiboneye ku ruhande rwabo bemeza ko babonye abasivile babiri bakomeretse barashwe.

Prezida Conde mu kwezi kwa munani yatsindiye manda ya gatatu itavugwako rumwe n’impande zose. Ni manda yatsinze abanje guhindura ibwirizwa nshingiro kugira rimwemerere kongera kwitoza. Abatavuga rumwe nawe bakoze imyiyerekano y’urutavanako basaba ko atosubira kwitoza ariko biba impfagusa.