Prezida w’igihugu ca Nijeriya Muhammadu Buhari yiyemeje kubandanya urugamba rwiwe rw’ugufatira ingingo zikomeye abategetsi barangwa na ruswa. Ivyo yabivuze mw’ijambo rikomeye yashikirije imbere y’ikiringo ciwe kigira kabiri.
Prezida Buhari mu kiganiro yahaye televiziyo ya Reta ku muhingamo wo ku musi wa mbere yatangaje ko ababazwa n’ukubona batihutisha gukwirikirana n’uguhana abantu barangwa na ruswa.
Yamenyesheje ko bagize intambwe mu gufata amatungo atari make n’amafaranga ari mu mabanki harimwo amabanki y’i Bulaya na Amerika.
Muhammadu Buhari w'imyaka 76 yasubiye gutorwa mu kwezi kwa kabiri. Bitegekanijwe ko arahira mu kindi kiringo c’imyaka ine ejo ku musi wa gatatu.
Yashitse ku butegetsi mu mwaka w’i 2015. Yemeye gutorera inyishu ikibazo ca ruswa catse indaro mu gihugu. Yamara abamunebagura bavuga ko ariko atoteza abanyapolitike batavuga rumwe nawe.
Prezida Buhari yatangaje ko azobandanya urugamba rwiwe rw’ukurandurana n’imizi ruswa yabaye ndanse mu gihugu.