Pierre Buyoya Yatanze Imihoho mu Kibanza c'Intumwa Idasanzwe ya UA

Petero Buyoya yahoze ari Perezida w'Uburundi

Petero Buyoya yahoze atwara Uburundi yatanze imihoho mu kibanza yarimwo c’intumwa idasanzwe y’Ubumwe bwa Afrika muri Mali no mu Karere ka Sahel.

Icamutumye afata iyo ngingo nk’uko umwe mu bamwegereye avyemeza ni urubanza aheruka guciribwa n’igihugu ciwe rwo gufungwa umunyororo wo guherayo kubera idosiye y’urupfu rwa Perezida Melchior Ndadaye na we nyene yahoze atwara Uburundi.

Amakuru yo kwizera, Ijwi ry’Amerika ryaronse, rihawe n’umwe mu bamwegereye, yagize ati : “Ego ni vyo. Perezida Buyoya yatanze imihoho itakike 7 z’uku kwezi kwa 11. Yaciye ashikiriza ikete ibiro bikuru vya Union Africaine. Inyuma y’iminsi 4 canke itanu, ivyo biro bikuru vy’umuryango w’Ubumwe bwa Afrika vyaciye bimuha inyishu, ko vyemeye ugutanga imihoho kwiwe”.

Ico bikoze ayo makuru yo kwizera avuga ko n’ubu akiri muri ico kibanza kuko atawundi aramusubirira. Yagize ati : “Nyenicubahiro Buyoya n’ubu ntarasezera burundu, kuko muri kino gihe hari amatora atandukanye mu nzego za Union Africaine. Ibiro bikuru vyamusavye ko yoba ararindiriye gato akora akazi kabayabaye, ico bita Assurer les Affaires Courantes. Na we yaravyemeye”.

Uwundi mukozi w’umunyacubahiro mw’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika, yari yatangarije Ijwi ry’Amerika ko Perezida Buyoya yatanze ikete ryo gutanga imihoho haraheze indwi imwe gusa atubwira ko atibuka neza italiki. Perezida Petero Buyoya, Ijwi ry'Amerika ryamuhamagaye kuri tefefone yiwe kugira atange inkuru y’imvaho, ariko ntiryashoboye kumuronka. N’ubutumwa bwanditse twamurungikiye ntarabwishura.

Na bamwe mu bashingwamanza biwe, batubwiye ko inkuru ari iy’ukuri, yamara ko ari we ubwiwe azovyivugira mu minsi iza mu maradiyo n’ibinyamakuru. Amasoko yacu yatubwiye ko Petero Buyoya yatwaye Uburundi mu biringo bibiri birimwo ikiringo mfatakibanza, yoba yanse “gushira mu ngorane Ubumwe bwa Afrika kubera Uburundi buri mu bihugu bigize uwo muryango, na bwo bukaba bumurondera, bwaranasavye uwo muryango kumufata ukamurungikira ubutungane bw’ico gihugu”.

Ayo makuru yo kwizera kandi avuga ko Major Petero Buyoya, yafashe igihugu ku nguvu ubwa mbere mw’ihirikwa ry’ubutegetsi mu mwaka w’1987, yoba yafashe iyo ngingo yo gutanga imihoho afatiye ku rubanza rw’abagirizwa igandagurwa rw’uwamusubiye Perezida Melchior Ndadaye, yagandaguwe mu mwaka w’1993.

Muri urwo rubanza, ubutungane bw’Uburundi buheruka kumucira umunyororo wo gufungwa ubuzima bwiwe bwose mu kwezi guheze kw’10, co kimwe n’abandi basirikare b’intwazangabo bari kumwe ku butegetsi muri ico gihe.

Ico bikoze, nk’uko vyemezwa n’umwe mu bashingwamanza biwe, urubanza ntirurahera, Perezida Buyoya yarunguruje co kimwe n’abandi basangiye idosiye, kandi haracariho n’izindi nzego zo kungururizamwo mu gihugu harimwo n’amasentare mpuzamakungu, nk’uko abo bashingwamaza babivuga.

Ikindi camuteye amakenga, nk’uko amakuru Ijwi ry'Amerika rifise avyemeza, ni uko yoba yanse ko yokwirukanwa nkuko vyagendeye umusirikare wo ku rwego rwo hejuru yahora mu bahanuzi bakuru b’Ubumwe bwa Afrika, aturuka mu gihugu ca Ethiopiya, yiyamirijwe n’igihugu ciwe, kimwagiriza gushigikira abarwanya reta mu Ntara ya Tigré, muri uku kwezi nyene.

Na ho biri uko, ayo makuru avuga ko Mussa Faki Mahmat, atwara Ubumwe bwa Afrika n’inzego z’uwo muryango boba baratangaye kubera iyi ngingo yo gutanga imihoho kuko yoba yari yaramwemereye ko “azomukingira”. Gusa, gutanga imihoho, bamwe mu bamwunganira babona ko ari “ingingo yizwe neza kandi yitondewe” ico bise “Décision mûrie”.

Amakuru ya mbere yavuga ko Pierre Buyoya yoba “yaciye yihutira gusaba ubuhungiro mu gihugu c’Ubufaransa, na co kikamusaba kubanza guhagarika ibikorwa vya politike”. Yamara, isoko ryacu ryizewe 100% ryatwemereye ko Buyoya ahubwo yamaze “gusaba ubuhungiro mu gihugu ca Mali, kandi ko yamaze kuburonka, ndetse ko n’umutekano wiwe ukingiwe bikwiye”.

Igihugu ca Mali n’akarere ka Sahel, ni igice Pierre Buyoya w’imyaka 71 amenyereye kuko yari ahamaze imyaka 8 ahakorera nk’intumwa idasanzwe y’Ubumwe bwa Afrika. Yaragize n’uruhara rukomeye mu biganiro vyahuje Reta n’abasirikare baheruka gutembagaza ubutegetsi muri ico gihugu, kugira ubutegetsi busubire mu minwe y’abasivile.

Major Petero Buyoya, yahunze igihugu ciwe amaze kuja muri ico kibanza inyuma y’indyane za politike zadutse mu mwaka w’2015, aho nyakwigendera Perezida Petero Nkurunziza yashaka kwitoreza ikindi kiringo, abamurwanya bavuze ko giciye kubiri n’ibwirizwa nshingiro.

Imbere y’aho gato, Buyoya n’ubutegetsi bw’Uburundi ntibarabana ay’ingwe kuko mu mwaka w’2014, igihugu ciwe cemeye kumushigikira mu kurondera gutwara Umuryango w’ibihugu bivuga ururimi rw’igifaransa, Organisation Internationale de la Francophonie.

Ico gihe, Iradiyo y’Abafaransa RFI yamubajije ko yoteza imbere uwo muryango kandi yaratembagaje ubutetsi kabiri agatwara muri ubwo buryo kuva mu mwaka w’1987 gushika muri 1993, akagaruka ku butegetsi kuva mu mwaka w’1996 gushika mu mwaka w’2003, hamaze gusinywa amasezerano ya Arusha.

Major Petero Buyoya yishuye ati : “Igikuru si ingene umuntu ashika ku butegetsi, ahubwo ni ico amarira abanyagihugu bari kuri ubwo butegetsi hamwe n’ingene aburekura. Jewe nafashe igihugu kabiri ata maraso asesetse, nsubiza ubutegetsi neza ata maraso asesetse, nemera ivyavuye mu matora nongera nemera ivyavuye mu masezerano ya Arusha, ndakinjura mu mahoro”.

Inkuru yateguwe n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Pierre Claver Niyonkuru

Your browser doesn’t support HTML5

Kubera Iki Pierre Buyoya Yatanze Imihoho muri Mali na Sahel?