Perezida Evariste Ndayishimiye yahagurutse ku kibuga mpuzamakungu ca Bujumbura citiriwe Melchior Ndadaye mu gatondo ko kuri uyu wa kabiri. Yagiye ajanye n’abashikiranganji bane barimwo uw’uburimyi n’ubworozi, uw’ikigega ca Reta n’uw’amagara y’abantu.
I ruhande y'aba hari n’abagwizatunga cumi baserukira amashirahamwe akomakomeye mu gihugu harimwo irikora impuzu, irihingura umwavu w’ikizungu ari naryo rya mbere rimaze kubaho mu Burundi, ayakorera mu bisata vy’uburimyi, ugutumatumanako amakuru, uguhingura ibinyobwa n’ibindi.
Kuwa 20 uku kwezi, abandi bakozi ba Reta bakuru bakuru indwi bari baroye mu Misiri kumutegurira uru rugendo. Ku kibuga c’indege ntiyashimye kugira ico abwiye abamenyeshamakuru ubona ko ari na bake bo mu binyamakuru vya Reta bonyene bari batumiwe. Ariko ibiro vya perezida bijejwe kumenyesha amakuru vyasohoye itangazo bivuga ko runo rugendo ruzorangira kuwa 26 uku kwezi arugiyemwo ku butumire bwa mugenzi we Abdel Fattah AL-SISSI bishimangira ko ibi vyerekana ishaka ry’aba bakuru b’ibihugu babiri ryo gutsimbataza imigenderanire yo gufashanya n’ubucuti busanzwe buri hagati y’Abarundi n’Abanyemisiri.
Iryo tangazo risozera rivuga ko umukuru w’igihugu c’Uburundi azoboneraho akaryo ko kubonana n’abagwizatunga bo muri Misiri kugira abakangurire kuzana imitahe yabo mu gihugu ciwe. Ariko naho bitanditswe, ntibiri kure ko bashobora kuzoganira kandi ku bijanye n'amatati ahagaze kw'ikoreshwa ry'amazi y’uruzi Nil. Isoko rya Nil riri mu bumanuko kuruta ayandi riri mu Burundi muri komine Rutovu mu ntara ya Bururi mu bumanuko, nayo Misiri ikaba iriko irasaba gushigikirwa n'ibihugu bikora kuri Nil kugira hatorwe umuti w'ayo matati.
Nil, y'uburebure bungana ibirometero 6700 ni rwo ruzi rwa mbere rurerure kw'isi. Ruraca mu Rwanda, Uburundi, Ubuganda, Etiyopiya, Sudani y'epfo, Sudani na Misiri. Hari kandi igice carwo gica muri Kenya na Repuburika ya demokarasi ya Kongo mu gihe ikindi igice c'amazi yisuka muri Nil kiri muri Eritreya.
Amazi ya Nil ni ubutunzi bukomeye ku bihugu bitandukanye bisangiye urwo ruzi. Misiri ni yo ahanini iyikorako kugira ngo ishobore kuronka amazi ikoresha muri rusangi mu mirimo itandukanye. Ni co gituma ico gihugu gica kiba maso mu gihe hagize ibindi bihugu bigomvye ko bigabura ayo mazi canke iyo vyubatse inyubakwa nshasha ku mazi yarwo nk’ingomero z’umuyagankuba n’ibindi. Impari akenshi ziba hagati y’ico gihugu na Etiyopiya.
Ikoreshwa ry'amazi ya Nil ryarabaye kuva kera intandaro y'amatati yagiye araduka, ariko kandi n'utwigoro mu ntumbero yo gukorera hamwe hagiyemwo ibihugu vyose birabwa n'urwo ruzi twamaho. Iyindi ntumbero y'urugendo rwa Ndayishimiye ni ukurondera isoko yo kuguriramwo ibigwanisho.
Misiri ni igihugu Uburundi bwahindukiriyeko muri iyi myaka iheze mu kugura ibigwanisho, ico gihugu co muri Afrika y'Ubuseruko kikaba gikeneye ibigikomeye kugira ngo kibikoteshe ku bumwe bwa Afrika muri Somaliya mu bikorwa vyo kugarukana amahoro muri Amisom canke Minusca mu ngabo za ONU zo kugarukana amahoro n’umutekano muri Centrafrika. Uburundi busanganywe ingabo muri ivyo bihugu vyompi bibiri.
Muri iyi myaka itanu iheze, abakuru mu gisirikare harimwo generali Prime Niyongabo, umukuru w’ibiro bikuru vya gisirikare baherekejwe n'uwahoze ari umutambukanyi w'umukuru w'igihugu Denise Nkurunziza baragiye mu Misiri kugira basinyire amasoko.
Kuva mu 2018, ivyo bihugu vyaratsimbataje kandi imigenderanire ya gisirikare isanzwe ari iya kera. Misiri irazwi kandi ku mfashanyo iha Uburundi mu bijanye n'imiti n'ibikoresho vyo mu buvuzi. Evariste Ndayishimiye agize urugendo rugira kane inyuma ya Tanzaniya, Guinée Equatoriale na Gabon kuva yimitswe, mu gihe uwo yasubiriye yamaze amasaha makeya muri Tanzaniya kuwa 20 ukwezi kw’indwi 2017 mu myaka itanu yose yiwe ya nyuma yamaze atwara Uburundi inyuma y’ugukinjishwa ihirikwa ry’ubutegetsi muri 2015.