Prezida w'Uburundi Avuga ko Kubana n'u Rwanda Bikirimwo Inzitizi

Umukuru w’igihugu c’Uburundi yatangaje ko yiteguriye kwakira impunzi z’Abarundi zahungiye mu Rwanda ziherutse kuvuga ko zifuza gutahuka. Perezida Evariste Ndayishimiye yabivugiye mu ntara ya Kirundo kuri uyu wa kane mu rugendo amazemwo iminsi azunguruka igihugu.

Muri urwo rugendo, Perezida Ndayishimiye yavuze kandi ko igihugu ciwe gisanga kubana n’u Rwanda bigifite inzitizi muri iki gihe. Ku bwiwe, amajambo Perezida w’u Rwanda Paul Kagame aherutse kuvuga mu minsi iheze ko yifuza imigenderanire myiza n’Uburundi arimwo agahemo.

Inkuru yateguwe n'Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika mu Rwanda Pierre Claver Niyonkuru.

Your browser doesn’t support HTML5

Perezida Ndayishimiye Asanga Amajambo ya Mugenzi we w'u Rwanda Arimwo Agahemo