OTAN Yishimiye ko Amerika Izokwongereza Abasirikare mu Buseruko bwa Bulaya.  

Umunyamabanga mukuru wa OTAN, Jens Stoltenberg, yabwiye abamenyeshamakuru ko ishirahamwe aramutswa ryiteguriye guhangana n'ibikorwa vya gisirikare Uburusiya bushobora gukora. Ariko yasiguye ko ridashira kure n’inzira y’ibiganiro vyovyara inyishu ya kidiplomasiya ku kibazo c’Uburusiya bushobora gutera Ukraine umwanya n’umwanya.

Umuvugizi wa Reta y’Uburusiya, Dmitry Peskov, we yabwiye abamenyeshamakuru ko ingingo y’Amerika yo kurungika abandi basirikare bayo ije kunyura icuka kibi mu karere.

Amerika ejo ku wa gatatu ni ho yemera ko igiye kurungika izindi nteko 2000 mu karere ko mu buseruko bwa Buraya, mu gihe OTAN uno musi yongeye kugabisha Uburusiya ko buhirahiriye bugasotora Ukraine buzohura n’ingaruka butazokwitura. Mu bihano Amerika n’ibihugu vyo mu burengero bicuditse nayo bikangisha gushira ku Burusiya, harimwo ivy’ubutunzi.

Amerika n’ibihugu vya somambike vyayo vyo mu burengero vyemeza ko mu micungararo y’umupaka wa Ukraine hari abasirikare b’Uburusiya barenga ibihumbi 100 bashobora kuvogera Ukraine. Uburusiya bwo yamara buhakana bwivuye inyuma ko ata mugambi wo gutera Ukraine bufise.