ONU Yavanye Uburundi Ku Rutonde rw'Ibihugu Bidafise Umutekano

Perezida Evariste Ndayishimiye

Inama nkuru y’amahoro umutekano ya ONU yakuye Uburundi ku rutonde rw’ibihugu bifise umutekano muke kandi bibangamiye akarere biherereyemwo.

Gusa, ingingo y’ako kanama ka ONU ivuga ko inzego nshasha z’ico gihugu zibwirizwa gukora ibishoboka vyose mu kubahiriza agateka ka zina muntu.

Abagize aka ka nama bahurije ko Uburundi bwokurwa ku rutonde rw’ibihugu bifise umutekano muke kandi bibangamiye amahoro n’umutekano kw’isi.

Kubw’abagize iyo nama y’umutekano n'amahoro ku isi, amatora yabaye mu kwezi kwa gatanu uyu mwaka yarahinduye ibitari bike haba mu kurwanya ukudahana ivyaha, kugarukana umutekano no guha ikibanza abagore.

N’aho biri uko, iyo nama nkuru y’umutekano isanga hagikenewe utwigoro twinshi mu vyerekeye kubahiriza agateka ka kiremwa muntu, kunywanisha Abarundi, gushiraho icuka ciza ca politike n’iyubahirizwa ry’amategeko, gutsimbataza ubutungane bwigenga, kureka abantu bagashikiriza iryo bagona mu mwidegemvyo, kureka amaradiyo n’amashirahamwe yigenga bigakora mu bwigenge n’ibindi.

Gusa, iyo nama nkuru y’umutekano ibona ko ivyo vyokemuka ico gihugu kitari ku rutonde rw’ibibangamiye umutekano w’akarere k’ibiyaga binini kose.

Ku rubuga rwiwe rwa twitter, Perezida Evariste Ndayishimiye ati : “Ndashimiye cane inama nkuru y’umutekano ya ONU. Turonse inyishu ku vyo naheruka gusaba mu nama y’ibihugu vyose muri ONU. Bizotuma ubu, twebwe n’abadufasha mw’iterambere twitaho kurusha ineza y’abanyagihugu”.

Umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’amakungu yongerako ko iyo ngingo izotuma n’abagwizatunga mvamakungu bahurumbira ico gihugu. Ambasaderi Albert Shingiro, avuga ko ari intsinzi ivuye kure.

Yabishikirije kuri uyu wa gatandatu mu nama y’umuryango w’Ubumwe bwa Afrika yabaye kuri uyu wa gatandatu hakoreshejwe ubuhinga ngurukana-bumenyi bw’amasanamu.

Ico bikoze, kubwa Profeseri Liberat Ntibashirakandi, umuhinga akurikiranira hagufi ivya politike n’imigenderanire, akaba n’umwigisha muri za Kaminuza mu Bubiligi nka “Université Libre de Bruxelles”, avuga ko n’aho ari ingingo yerekana ko imigenderanire yatanguye kunaguka hagati y’Uburundi na ONU, irafise n’izindi ngaruka mbi.

Kuva mu mwaka w’I 2015, uko amezi atatu aheze, intumwa idasanzwe ya ONU mu Burundi yabwirizwa gushikiriza mu nama nkuru ijejwe umutekano ya ONU raporo yerekana ingene ibintu vyifashe.

Iyo ngingo ije ikurikira iyugarwa ry’ibiro vy’iyo ntumwa idasanzwe ya ONU, yatanga ahanini amaraporo avuga ko igihugu kikirimwo umutekano muke, ko ONU ibwirizwa kugumizayo ijisho.

N’aho izo raporo zitazosubira gutangwa ku bwinshi, inama nkuru y’umutekano ya ONU yemeje ko umugwi ukora amatohoza w’iryo shirahamwe urongowe n’umunya Senegali Doudou Diene uzoguma ukora amatohoza yawo mu gisata c’agateka ka zina muntu, kuko uheruka kongerwa ikiringo c’umwaka.