Urwego rw'ishirahamwe mpuzamamungu rujejwe amatohoza rusaba amakungu gukurikiranira hagufi Perezida mushasha w’Uburundi, General Evariste Ndayishimiye. Urwo rwego rwagabishije uno musi ku wa kabiri ko guhindura inyifato y’ukukandamiza abanyagihugu mu Burundi bizosaba ibirengeye umukuru w’igihugu mushasha.
Urwo rwego rwagabishije urwego rwa ONU rujejwe agateka ka muntu ko amatora yatsinzwe na Prezida Evariste Ndayishimiye mu kwezi kwa gatanu yaranzwe n’ukutihanganira abanyapolitike batavuga rumwe na reta. Igihe yarahira, Prezida Ndayishimiye yaravuze ku gateka ka muntu n’ibiganiro vya politike. Yaratumiye kandi impunzi ibihumbi n’ibihumbi gutahuka mu Burundi, zaba izahunze inyuma y’uruhagarara rwihaye inkumbi mu matora yabaye imbere yaho yo mu mwaka w’i 2015 canke mu nmyaka y'imbere y'aho.
Urwego rwa ONU rujejwe amatohoza rumenyesha ko Prezida Ndayishimiye ariko akwirikiranirwa hafi muri iki gihe ku bimenyetso vy’uko niba azobandanya gutwara nk’uko Prezida Nkurunziza bari bacuditse yatwara. Urwo rwego rumenyesha ko reta nshasha mu Burundi isa cane n’iyahahora, harimwo bamwe mu bategetsi bakomeye bafatiwe ibihano n’amakungu.
Rwasavye uno musi ku wa kabiri umutegetsi mushasha w’Uburundi kwerekana ugushaka kwiwe ku vyerekeye gukorana n’amakungu ku bijanye n’ugusubira kwugurura ibiro vy’urwego rwa ONU rujejwe agateka ka muntu mu Burundi. Bitegekanijwe ko urwo rwego rushikiriza icegeranyo carwo ca nyuma urwego rwa ONU rujejwe agateka ka muntu mu kwezi kw’icenda.
Prezida Nkurunziza yarirukanye urwo rwego mu gihugu igihe rwariko rukwirikirana ubwicanyi bwariko buhabera. Yamara urwego rwa ONU rujejwe amatohoza rwarakiye neza kuba prezida mushasha yarihindukije agahagurukira bikomeye ikiza c’umugera wa Corona kurusha uwo yasubiriye.