Umuryango wa Afrika y’ubuseruko usigura ko imvo nyamukuru y'ukutazorungika indorerezi zawo mu matora ya kamarampaka yimirije mu Burundi, ari uko uyo muryango utari washize mu nteguro yawo ayo matora.
EAC ihambije umuryango w’Ubumwe bw’Afrika wari watangaje mu kwezi kwa kabiri ko utazorungika indorerezi muri ayo matora. Uwo muryango wasiguwe ko ayo matora yateguwe mu buryo bunyuranye na demokarasi.
Mu ntango z'ino ndwi, umurwi CENI wemeje ko ata ndorerezi n’imwe mvamakungu witeze kuko atawasavye uruhusha canke ngo atumirwe na Reta.
Mu mpera z’ukwezi kwa kane, uwutwara umurwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora mu Burundi, CENI, yabwiye abanyamigambwe ko uno mwaka ata ndorerezi uzotumira ahubwo ari Reta izobatumira. Pierre Claver Ndayicariye yasiguye ko naho izo ndorerezi zosiba ataco bizokwica.
Amashirahamwe agera kuri 39 yo hagati mu gihugu aramaze kuronswa uruhusha rwo kuzocungera ayo matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro ategekanijwe igenekerezo rya 17.