Nkurunziza Azotekererwa Umuliyaridi w'Amafaranga Yubakirwe Inzu

Perezida w'Uburundi Pierre Nkurunziza

Inama nshingamateka y’Uburundi yemeje integuro y’itegeko rigena uburusho umukuru w’igihugu ahabwa avuye mu mabanga yiwe.

Zimwe mu mpinduka ziri muri iyo nteguro, zirimwo ko umukuru w’igihugu ahejeje manda ziwe azotekererwa umuliyaridi w’amafaranga y’Amarundi. Itegeko nimero 1/20 ryahahora kuva mu 2004 ryavuga ko umukuru w’igihugu atekererwa amamiriyoni amajana atanu.

Umukuru w’igihugu azova ku butegetsi azokubakirwa inzu nziza “Palais” muri karitiye yipfuza kubamwo. Iyo nteguro y’itegeko ivuga ko ubwo burusho buzohabwa abashikiriye ubutegetsi biciye mu matora.

Pierre Nkurunziza n’umuryango w’umuhisi Melchior Ndadaye mu bategetsi bose bagiye barabisikanya ku ntebe y’umukuru w’igihugu ni bo inama nshingamateka yatomoye ko bazohabwa ubwo burusho.

Batandatu mu bahoze bayoboye Uburundi barimwo Michel Micombero, Cyprien Ntaryamira, Jean- Baptiste Bagaza, Pierre Buyoya, Sylvestre Ntibantunganya na Domisiyano Ndayizeye inama nshingamateka yavuze ko batazobuhabwa kuko bagiye ku butegertsi “bidaciye mu matora”.

Ijwi ry’Amerika riracarondera bamwe muri abo bahoze bayoboye Uburundi kugira twumve ico bavuga kuri iyo nteguro y’itegeko, bitegekanijwe ko ica irungikirwa inama nkenguzamateka imbere y’uko iterwako umukono n’umukuru w’igihugu Pierre Nkurunziza.