Nijeriya: Umuntu Yishwe Abandi 10 Baranyuruzwa mu Gitero Cakozwe kw'Ishule

Ababyeyi bo mu ntara ya Kaduna iri mu majyaruguru ashyira uburengerazuba bwa Nijeriya bitwaje ibyapa bisaba ko abana babo bakurwa mu maboko y'Ababafashe bunyago

Muri NIjeriya abanyeshule babiri biga ku ishule riri mu ntara ya Kaduna bararashwe, umwe muri bo arahasiga ubuzima mu gihe uwundi ariko avurirwa mu bitaro. Abategetsi bo kw'ishule aho ico gitero cabaye bavuga ko abigisha 2 n’abanyeshule 10 banyurujwe.

Batangaza ko inkozi z’ikibi zakoze ico gitero zarekuye imiryango y’abakora kw’ishule ryatewe, bari banyurujwe mu ntango.

Nta ndishi abanyuruje abo bantu barasaba. Kunyuruza abantu bikorwa n’abantu bitwaje ibirwanisho vyaratse indaro mu buraruko bwa Nijeriya.

Abanyeshule barenga 800 baranyurujwe kuva mu kwezi kw’icumi na kabiri mu mwaka uheze w’i 2020. Mu ntango z’uyu mwaka abanyeshule bagera ku 200 baranyurujwe kw’ishule iri muri Reta ya Nijeri.