Reta zunze ubumwe z’Amerika umuryango w’ubumwe bwa Buraya, Ubwongereza, Irlande na Canada baratera ivyatsi ingingo ya Nijeriya yo guhagarika ikoreshwa ry’urubuga rwa Twitter muri ico gihugu.
Mw’itangazo abaserukkra ivyo bihugu muri Nijeriya basohoreye hamwe bavuze ko ukwaka abanyagihugu uburenganzira bwo gushikiriza ivyiyumviro atari wo muti.
Nijeriya yafashe iyo ngingo inyuma yaho sosiyete ya Twitter ifuse ubutumwa Prezida Muhammadu Buhari yacishije kuri urwo rubuga, isigura ko ari ubutumwa bwari bunyuranye n’akarangamutima k’imikorere yarwo. Reta ya Nijeriya ntiyavuze ikiringo ino ngingo izomara.
Abandi bashikirije amakenga y’iharikwa ry’urwo rubuga barimwo abaharanira agateka ka zina muntu bavuze ko ibi bizotuma hari amakuru menshi abanyagihugi bataronka. Rusansuma yakozwe n’ikigo citwa NOI yerekana ko abanye Nijeriya bakoresha Twitter barenga imiriyoni 39.