Nijeri Yagandariye Abanyagihugu Bayo 100 Baguye mu Gitero

Ibendera rya Nijeri ryururukijwe kugera hagati

Ku mugoroba w’ejo ku musi wa mbere inyuma y’akanama kihuta kakoranijwe na Prezida Mahamadou Issoufou, reta ya Niger yatangaje ko yafashe ingingo yo gukomeza umutekano mu karere kari ku rubibe rwayo na Mali kandi ko igiye gukingira umutekano w’abanyagihugu baho.

Ico gitero cahitanye abantu ijana, cagizwe mu burengero bw’igihugu mu bigwati vya Tchombagou na Zaroumdareye ku musi wa gatandatu. Ni inyuma yaho reta itangarije ko hazoba amajonjora ya kabiri y’amatora y’umukuru w’igihugu kw’itariki 21 z’ukwezi kwa kabiri.

Umushikiranganji wa mbere Brigi Rafini yaragendeye ivyo bigwati bibiri vyatewe, ku musi wa mungu. Abategetsi bavuga ko umutekano w’ako karere ka Tillaberi watanguye guhungabana inyuma yaho abanyagihugu biciye abagwanyi babiri.

Ico gitero kibaye kimwe mu bitari bike bikomeye biheruka kugigwa muri ico gihugu harimwo n’igiheruka mu ntara ya Diffa n’abagwanyi b’umuhari uharanira reta ya kisilamu mu burengero bwa Afrika, cahitanye abantu benshi.

Nta mugwi uriyitira ico gitero co ku musi wa gatandatu. Yamara umuhari uharanira reta ya kislamu mu karere k’ubugaragwa bwa Sahara ni wo umaze igihe kitari gito ugirayo ibitero.

Nijeri ni igihugu gihana imbibie na Burkina Faso na Mali, ibihugu navyo nyene bibangamiwe n’ibitero vy’intagondwa bimaze gutesha ingo abantu benshi, naho hariyo inteko mpuzamakungu zijejwe gucungera umutekano.