Nijeri: Perezida Issoufou ari kw'Isonga mu Majwi

Mahamadou Issoufou

Muri Nijeri, ibiharuro vya vuba mu vyavuye mu matora y’umukuru w’igihugu vyerekana ko Perezida ari ku butegetsi Mahamadou Issoufou aza imbere y’abandi bakandida.

Umugwi ujejwe amatora muri Nijeri wamenyesheje kuri uno wa kane ko bwana Issoufou afise amajwi arenga 50 kw’ijana mur’ayo matora.

Akurikirwa n’umwe mu batavugarumwe n’ubutegetsi Hama Amadou afise amajwi 15 kw’ijana mugihe uwitwa Seyni Oumarou aza mukibanza ca gatatu kumajwi 10 kw’ijana.

Ku musi wa kabiri urunani rw’imigambwe itavugarumwe na reta rwarahakanye ibiharuro bimaze gutangazwa mukuvuga ko birimwo forode.

Perezida Issoufou wa Nijeri ariko yitoza mu kiringo kigira kabiri c’imyaka itanu yemereye abanyagihugu ko mugihe yokwongera gutorwa azohasha imigwi y’abayisilamu ihungabanya umutekano kandi yemeye ko azoteza imbere ico gihugu kiri mu bikenye cane kw’isi.

Mugihe mu biharuro vyanyuma atamukandida yoshikana amajwi 5 mu gice ca mbere, abakandida babiri baza ubwa mbere bazoca bongera guhiganwa mu matora ategekanijwe kw’italiki 20 z’ukwezi kwa gatatu kuza.