Ndayizeye Yahoze ari Prezida w'Uburundi Yagenywe mu Murwi w'Inararibonye za AU

Domitien Ndayizeye yahoze ari Prezida w'Uburundi arwana mu nda n'umunyepolitike Agathon Rwasa. Ino foto yafashwe mu 2005 mu biganiro vyo kuraba ingene abarwanyi boza mu ma masezerano y'amahoro

Domitien Ndayizeye yahoze ari perezida w'Uburundi yagenywe mu murwi w'inararibonye z'ishirahamwe ry'umuryango w'Ubumwe bwa Afurika. Ubutumwa ingoro y'umukuru w'igihugu c'Uburundi, Ntare Rushatsi House, yacishije ku rubuga rwayo rwa Twitter, buvuga ko Uburundi ari bwo bwasavye ko Prezida Ndayizeye aja muri uwo murwi.

Manda ya Prezida Domitien Ndayizeye izomara imyaka itatu. Izina ryiwe ryemerejwe mu nama igira 35 y'abakuru b'ibihugu vy'umuryango w'ubumwe bwa Afurika yasozereye ibikorwa vyayo ku muhingamo w'uno wa Mungu.

Umurwi w'inararibonye z'umuryango w'ubumwe bw'Afurika ni igisata kijejwe gukumira ku rwego rwo hejuru amatati mu bihugu bigize uwo muryango. Ikigo nyamerika cishinze guteza imbere ubunyamwuga bw'abategetsi b'abanyafurika, demokarasi, intwaro ibereye no gukorana neza hagati y'abategetsi b'Amerika, Uburaya na Afurika, Centre d'études stratégiques de l'Afrique, gifise icicaro i Washington DC, mu nkuru yaco igaruka ku mikorere y'umurwi w'inararibonye za AU kivuga ko uwo murwi ugizwe "n'ibicocoro vy'indyamunyu z'Abanyafurika batanu bubashwe" kubera uruhara bagize mu gutsimbataza amahoro.

Abari muri uwo murwi batorwa mu turere dutanu tugize Afurika ari two: Afurika y'Ubumanuko, y'Ubuseruko, yo Hagati, yo mu Burengero n'iy'igice kirimwo ibihugu bivuga ururirimi rw'icarabu muri Afurika ya Ruguru (Maghreb) .

Mu zindi ngingo zafatiwe mu nama ya 35 y’umuryango w’ubumwe bw’Afurika, harimwo ko igisata kijejwe gukumira indwara n’ibiza ku mugabane wa Afurika, CDC, kiba igisata cigenga c’Ubumwe bwa Afurika.

Vyari vyitezwe ko AU itomora niba Isirayeri yo kwemererwa kwinjira muri uwo muryango nk’indorerezi, ariko inama yaheze iki gikorwa bagishize mu minwe y’ibihugu bigiye kubandanya kucigako. Ivyo bihugu ni u Rwanda, Kongo, Aljeriya, Afurika y’Epfo, Nijeriya, Kameruni na Senegali.

Imvugo kw’iyinjira rya Isirayeri mu bumwe bw’Afurika ni zibiri: Uruhande rumwe rurashigikiye ko Isirayeri yokwemera kuba indorerezi, urundi narwo ntirubishigikiye.