Mu Burundi, haracibonekeza abana bakoreshwa mu bikorwa bitandukanye vy'ubucakara. Ivyo bimenyeshwa n'ishirahamwe, SOGEPAE, rimwe mu yakomeye mu gihugu aharanira ubwigenge bw'abana. Iryo shirahamwe rivuga ko ibi bituma haba agahombo ku gihugu n'imiryango, rigasaba Reta guha ubushobozi ibigo yashinze bigwanya ayo mabi.
SOGEPAE risigura ko abenshi muri abo bana batarakwiza imyaka yo gukora akazi bakoreshwa akazi ko munzu bagakora nk’abayaya barera abana, ababoyi bateka, n’abakora iyindi mirimo irimwo amasuku n’izamu. Iryo shirahamwe rimenyesha ko abenshi muri bo batotezwa, bagatwara inda batipfuje hakaba n’abakubitwa bakaborezwa igufa.
David Ninganza, umuvugizi w'iryo shirahamwe avuga ko iki kibazo giterwa ahanini n’ukutamenya ku ngero nyinshi, haba ku bavyeyi no kubana. Ninganza avugira SOGEPAE yemeza ko abahura n’izi ngorane ahanini ari abana b’abigeme.
Florence Boivin, umukuru w’ishirahamwe rigwanya urucuruzwa rw’abantu mu karere k’ibiyaga binini nawe asigura ko muri ako gace ka Afrika hari abakora mu ma Reta babifisemwo uruhara. Ku ruhande rwa Reta, umuyobozi ajejwe igisata c’abana mu bushikiranganji bwo gushigikirana asaba uwo wese ari mu gihugu kwitanga uko ashoboye kugira agateka k’umwana kisununure.
Ibitigiri bitangwa na ONU vyerekana ko mw’isi imiriyoni 152 z’abana bafise imyaka iri hagati ya 5 na 17 barakoshwa utuzi. Muri bo, imiriyoni 73 bakora akazi kabashira mw’irinde. Ibisata vya mbere abana bakoreshwamwo kurusha ni uburimyi buza kuri 71% hagakurikira za serivisi kuri 17% hamwe n’inganda kuri 12%.
Umviriza ibindi kuri ino nkuru ya Eloge Willy Kaneza aho munsi
Your browser doesn’t support HTML5