Mu Burundi Abahunguka Barasaba Reta Ubufasha

Bamwe mu Barundi baheruka guhunguka bavuye mu bihugu bihana urubibe n’Uburundi cane cane mu Rwanda barasaba ko reta kubaronsa amabati yo gusanura inzu z’abo bavuga ko zabomotse.

Abandi n’abo bavuga ko indya batekerewe na HCR batahutse zaheze kandi imirima y’abo itaragera kwera. Aho bashikiye mu Ntara za Kirundo, Ngozi, Muyinga, Ruyigi na Makamba barasaba Reta kubafasha.

Ishirahmwe mpuzamakungu ryitaho impunzi HCR ryari ryabatekereye ibishobora kubatunga mu kiringo c’amezi atatu. Ubu abo batahutse bemeza ko babayeho nabi kubera ivyo batekerewe vyaheze.

Abajejwe intwaro muri izo ntara n’abo nyene baremeza ko abahungutse bakwiye gufashwa kugira batangure ubuzima bushasha yamara bakavuga ko komine yonyene itokwishoboza ico kibazo.

Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, umutekano n’iterambere rusangi bwari bwahamagariye abajejwe intwaro mu Ntara zitandukanye kubitaho. Ubu, ubwo bushikiranganji buvuga ko ari ikibazo buzokwigira hamwe n’abajejwe kwakira impunzi nka HCR kugira uwutahutse aronke ibimubeshaho.

Mu mwaka uheze, Ubwo bushikiranganji bwemeza ko abatahutse barenga ibihumbi 35. Bavuye cane cane mu Rwanda, muri Tanzania no mu Buganda.