Igihugu ca Misiri kigiye gusaba abakozi bose ba reta kwicandagisha ikiza ca Covid-19. Ingingo yafashwe na reta ya Misiri ivuga ko abakozi ba reta bazotegerezwa kwerekana urupapuro rwemeza ko baronse urwo rucanco, canke bakazohora berekana rimwe mu ndwi urupapuro rugaragaza ko basuzumwe bagasanga ata mugera w’ico kiza bafise.
Mw’itangazo reta yashize ahabona ku musi wa mungu ku mugoroba rivuga ko iyo ngingo izotangura gushirwa mu ngiro kw’igenekerezo rya 15 ry’ukwezi kwa cumi na rimwe. Intumbero nyamukuru nk’uko bishikirizwa na reta ya Misiri, ni uguhimiriza abanyagihugu ngo bicandagishe muri iki gihe abarenga imiliyoni bahanzwe n’ico kiza.
Umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu, Hala Zayed, avuga ko reta imaze kuronka ingero z’icandago za Covi-19 zirenga imiliyoni 62 kandi ko irindiriye izindi imiliyoni 7.8 zitezwe muri uku kwezi. Yasiguye ko abanyagihugu imiliyoni 31.7 bamaze kuronswa incandago kuva igikorwa co kuzitanga gitanguye mu kwezi kwa mbere.