Mali yirukanye uwuserukira ishirahamwe ry'ugufashanya mu vy'ubutunzi ry'ibihugu vyo mu karere ko muri Afrika yo mu burengero. Reta mfatakibanza muri Mali yahaye Hamidou Boly amasaha 72 kugira abe yavuye mu gihugu. Imwagiriza ko yakoze ibikorwa bitajanye n’amabanga ajejwe. Iyo nkuru yatangajwe n’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bw’ico gihugu uno musi ku wa mbere.
CEDEAO imaze igihe iremera Reta ya Mali kugira yubahirize ivyo yiyemeje vy’ugutunganya amatora y’umukuru w’igihugu n’ay’abashingamateka mu kwezi kwa kabiri kw’umwaka uza w’i 2022, inyuma ya kudeta yabaye mu mwaka uheze.
Abategetsi mfatakibanza ba Mali batangaje muri iyi ndwi ko bazokwemeza italiki y’amatora inyuma yuko habaye ibiganiro mu gihugu mu kwezi kw’icumi na kabiri kw’uyu mwaka w’i 2020.
Prezida w’igihugu ca Ghana, Nana Akufo-Addo ayoboye ishirahamwe CEDEAO muri iki gihe yaragendeye umurwa mukuru wa Mali, Bamako mu ntango z’uku kwezi mu ntumbero yo guhimiriza abategetsi b'aho gutunganya amatora ku gihe.
Ikiringo mfatakibanza gishikana kuri demokrasi muri Mali kiriko gukwirikiranirwa hafi mu karere kabayemwo amakudeta atari make mu bihe vya vuba kandi aho imigumuko y’intagondwa z’abayislamu iriko itera ikomera cane.