Mali ishobora gutebesha amatora y'inyuma ya kudeta nkuko bitangazwa n'umushikiranganji wa mbere mfatakibanza muri ico gihugu. Amatora y’umukuru w’igihugu n’abashingamateka yari ategekanijwe kuba mu mpera z’ukwezi kwa kabiri mu mwaka uza w’i 2022.
Intambwe mu nzira ya demokrasi muri Mali inyuma ya kudeta yakuye ku butegetsi Prezida Ibrahim Boubacar Keita mu kwezi kw’umunani mu mwaka w’i 2020 ziriko zikwirikiranirwa hafi mu karere ko muri Afrika yo mu burengero imaze kubamwo kudeta 4 mu kiringo c’amezi 13, abiri muri yo muri Mali.
Inyuma yuko baremewe n’ishirahamwe ry’ugufashanya mu vy’ubutunzi ry’ibihugu vyo muri Afrika yo mu burengero, CEDEAO, abategetsi bashasha b’abasirikare ba Mali bemeye gushiraho ikiringo mfatakibanza c’amezi 18.
Yamara, ku musi w’Imana, umushikiranganaji wa mbere, Choguel Maiga yatangaje ko italiki y’amatora y’umukuru w’igihugu n’abashingamateka ishobora kwigizwayo mu kiringo c’indwi 2, amezi 2, canke amezi makeyi.
Yamenyesheje ko italiki ntabanduka izomenyekana mu mpera z’ukwezi kw’icumi. Ntaco ishirahamwe CEDEAO rirabivugako. Mu kwezi guheze iryo shirahamwe ryari ryamenyesheje ko rizofatira ibihano abategetsi b’abasirikare bayoboye Mali hamwe batogirisha amatora ku gihe cumvikanyweko.