Abatari bake muri Madagascar batawe muri yompi bagirizwa kuba mu bashaka kwica Prezida Andry Rajoelina. Sentare nkuru ya Madagascar yavuze ko yaburijemwo umugambi wo kugandagura Prezida Andry Rajoelina. Mu bahagaristwe bagirizwa guhakwa gukora iryo bara, harimwo abakomoka muri ico gihugu n’abanyamahanga barimwo abafaransa babiri.
Itororokanirizo ry’amakuru y’Abafaransa, AFP, dukesha ino nkuru ryavuze ko umushingwamanza mukuru w’igihugu ejo ku wa gatatu mw’ijoroyabwiye abamenyeshamakuru ko ivyemezo bafise vyerekana ko mu bari kugandagurwa harimwo n’abandi bategetsi bakomeye b’ico gihugu. Ntiyigeze ariko avuga ubwoko bw’ivyo vyemezo, abandi bari kugandagurwa, igitigiri c’abahagaritswe n’ingene bahagaritswe. Yemeye yamara ko umuco uzotangwa amatohoza aheze.
Ikinyamakuru citwa Taratra cegukira ubushikiranganji bwo guhanahana amakuru muri Madagascar cavuze ko abafaransa batawe muri yompi ari abakukuruke mu gisirikare. Mu kwezi guheze, ibiro bikuru vya gisirikare navyo vyari vyavuze ko vyaburijemwo umugambi wo kugandagura umunyamabanga mukuru wavyo, asanzwe ari na soma mbike wa Prezida Andry Rajoelina