Macron Aricuza Ubwicanyi bwa Polisi y'Ubufaransa ku ba Nye Alijeriya

Prezida Emmanuel Macron mu mihango yo kwibuka abaguye mu myiyerekano yo mu 1961 mu Bufaransa

Prezida w’Ubufaransa Emmanuel Macron yateye ivyatsi ubwicanyi bwakorewe abanyagihugu bakomoka muri Aljeriya, bishwe na polisi y’i Paris mu Bufaransa mu 1961. Abo banyagihugu bagandaguwe bari mu myiyerekano yari igamije ahanini kwiyamiriza itegeko ryari ryashizweho rigena amasaha ntarengwa yo gutaha ku ba Isilamu bakomoka muri Aljeriya baba mu Bufaransa.

Macron yabwiye imiryango y’ababuze ababo ko ubwicanyi bwakozwe na polisi mw’ijoro ry’uwa 17 ukwezi kwa 10 mu 1961, buteye isoni n’agahinda. Yemanze ku mugaragaro ko abenshi mu bariko bakora imyiyerekano ico gihe bishwe na polisi yatwarwa n’uwitwa Maurice Papon, ibiziga vyabo bitabwa mu ruzi rwitwa, Seine ruri i Paris. Macron ni we mu prezida wa mbere w’Ubufaransa yitabiriye imihango yo kwibuka abaguye muri iyo myiyerekano.

Kugera ino saha, abanyagihugu ba Aljeriya biciwe muri iyo myiyerekano y’i Paris ntibaramenyekana igitigiri. Abaharanira agateka ka zina muntu yamara bavuga ko bashobora kuba baharurwa mu majana n’amajana. Ico bikoze, Macron mw’itangazo yasohoye uno musi haheze imyaka 60 bagandaguwe, yemanze atarya umunwa ko ivyabaye ico gihe ari agahomeramunwa agira ati: “ Birababaje kubona ibara ryaguye ico gihe ryakomeje gukingirwa ikibaba, rimwe na rimwe rikirengagizwa.”

Uwitwa Bachir Ben Aissa Saadi yari mu bakoze iyo myiyerekano mu 1961 afise imyaka 14 ico gihe, yabwiye itangazamakuru ko kugera n’ino saha ivyo yabonye atarapfa avyibagiye. Yagize ati : “Vyari biteye ubwoba, ibiziga vyari vyuzuye mw’ibarabara.”

Maurice Papon yatwara polisi ya Paris yagirizwa kuba yarishe yongera ihohotera abari mu myiyerakano yo mu 1961, mu 1980 yagirijwe ivyaha ndengera butungane kubera uruhara yagize mu gukorana n’aba nazi mu ntambara y’isi yose ya kabiri, ariko inyuma y'aho agirwa umwere ararekurwa. Abaharanira agateka ka zina muntu n'imiryango y'ababuze basaba ubutungane no kwerekana uruhara abatandukanye bagize mu bwicanyi bwo mu 1961.