Kuki Amerika n'Ubwongereza Bitarebana Neza?

Kim Darroch akurikira ikiganiro Prezida Trump na Ministri w'intebe Thereza May bagiranye n'abamenyeshamakuru tariki ya 27/1/2017 i Washington, DC.

Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza, Theresa May, avuga ko ashigikiye Kim Darroch asekurira ico gihugu muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Ivyo naho prezida wa Amerika, Donald Trump, yamwifatiye mu gahanga inyuma yuko ivyo yatangaje bijanye n’akazi kiwe vyategerezwa kuba ibanga vyashizwe ahabona bivuga ko Trump ari umuntu adashoboye amabanga ajejwe.

Naho Theresa May ashigikiye ambasaderi Darroch, abategetsi b’ico gihugu mu mwiherero baremera ko azotegerezwa gusubirizwa vuba kugira bihwamike ibintu, imigenderanire hagati ya Amerika n’Ubwongereza ntitosekare.

Ku musi wa mbere, Prezida Trump yatangaje mu butumwa kuri Twitter, ko atazosubira gukorana na amabasaderi Darroch avuga ko asanzwe adakundwa muri Amerika. Imbere yaho, Trump yari yatangaje ko atakoreye neza inyungu z’igihugu ciwe.

Ambasaderi Kim Darroch yigeze guserukira Ubwongereza i Bruxelles mu Bubiligi.