Kuki Abanywanyi b'Umugambwe CNL Bavanwa ku Ntonde z'Abitoza?

Bamwe mu bagize CENI mu matora y'umukuru w'igihugu

Bamwe mu bakandida bo ku mitumba na cane cane abaturuka mu mugambwe CNL wa Agathon Rwasa atavuga rumwe n'ubutegetsi, baridoga ko bariko bakurwa ku ntonde zo kwitoza n’abarongoye imirwi y’amatora mu makomine ku mvo batazi.

Ivyo biri uko mu gihe itegeko rigenga amatora mu Burundi ritomora neza ko amatora yo ku mitumba n’ámakaritiye atisunga intonde z’imigambwe. Aho ivyo vyo gukura ku ntonde abipfuza kwitoza mu matora yo ku mitumba bimaze kwibonekeza ni mu ntara za Makamba, Mwaro, Bubanza no mu gisagara c’ubutunzi Bujumbura.

Abavanywe ku ntonde mu ntara ya Makamba bagiriza imirwi ijejwe amatora mu makomine ko ikura bamwe ku ntonde igashira imbere abo mu mugambwe uri ku butegetsi. Bemeza ko hari n'abari baraburiwe n'uwutwara umurwi ujejwe amatora muri Komine ya Kibago ko batokwirirwa bariyandikisha kugira bitoze.

Your browser doesn’t support HTML5

Abanywanyi b'Umugambwe CNL Bavanywe ku ntonde Bemeza ko Barenganijwe

Mu gisagara ca Bujumbura ivyo vyo gukura ku ntonde abashaka kwitoza bivugwa mu makaritiye yo mu Buraruko cane cane mu mazone ya Kinama na Buterere muri komine ya Ntahangwa. Abo muri karitiye Mubone ya zone Buterere na bo nyene n’úko. Bavuga ko badatahura ingene bakwa uburenganzira bwo kwitoza bahabwa n’ibwirizwa nshingiro. Basaba kurenganurwa abanyagihugu bo ku Mubone bakihitiramwo indongozi bishakiye.

Muri zone ya Buterere havugwa abandi bagabo batatu bahagaritswe kw’igenekerezo rya 17 z’ukwezi kwa gatandatu guheze na bo nyene bari mu bashaka kwitoza ku rwego rwa karitiye. Imiryango y’abo yiyamirije ifatwa n’ipfungwa ry’abo bagabo. Bagirizwa gutunga ibigwanisho ivyo bahakanye bivuye inyuma imbere y’intahe. Bakavuga ko ryari irementanya ryari rifise intumbero yo kubakura ku ntonde kugira amatora azobe bari mu mvuto.

Nahabandi Philemon arongoye CEPI Makamba na Terence Bizimana arongoye CEPI Bujumbura barahumuriza abo bavuga ko bakuwe ku ntonde z’abitoza. Bavuga ko bakiriye ibirego vyabo bakamenyesha ko bagiye kuraba ko bifashe, basanze bararenganijwe barenganurwe.

Ivyo biri uko mu gihe itegeko rigenga amatora, rivuga ko abahanuzi bo ku mitumba batitoza hisunzwe intonde z’imigambwe. Ingingo y’172 y’iryo tegeko ikavuga ko uwitoza ategerezwa kuba ari umuntu atagira agasembwa mu kibano.

Amatora nyezina y’abajenama b’amakaritiye n’imitumba ategekanijwe kw’igenekerezo rya 24 ukwezi k’umunani uno mwaka nk’uko ikirangamisi c’umurwi CENI kibivuga.