Kompanyi y'Indege Zegukira Afurika y'Epfo Igiye Kunagurwa

Imwe mu ndege yegukira Afurika y'Epfo

Reta ya Afrika y'epfo yemeye gutanga imiliyoni 650 y'amadolari agenewe gufasha sosiyete y'igihugu y'indege zitwara abantu, "South Africa Airways", SAA mu mpfunyapfunyo.

Iyo nkuru yatangajwe na Sivine Dongwana, umwe mu bayobozi bakuru b’iyo sosiyete iri mu minwe ya reta uno musi ku wa gatanu. Abo bajejwe amabanga y’ukuyobora iyo sosiyete mu kwezi kw’icumi na kabiri mu mwaka uheze inyuma y’imyaka igera kuri cumi itakaza amafranga. Bariko bagerageza gutuma ibandanya ikora mu gihe ikiza c’umugera wa Corona cunyuye ibibazo yari isanganywe.

Abayobozi b’isosiyete, SAA, bashikirije umugambi w’ukuyitunganya gushasha mu kwezi kwa gatandatu. Yamara imiliyaridi 10 y’amarand, amafranga akoreshwa muri icyo gihugu, akenewe kugira ivyo bishoboke ntaraboneka.

Uwo muyobozi amenyesha ko mu ndwi iza abayobozi b’iyo sosiyete bazomenyesha ibizoba vyavuye mu biganiro na reta ku vyerekeye ayo mafranga yemeye gutanga n’igihe azotangwirwako.