Visi Prezida w’Amerika, Kamala Harris, ategekanya kubwira abakuru b’ibihugu n’amareta mu nama nkuru izobera i Paris mu Bufaransa ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika ishigikiye amatora muri Libiya.
Iyo nama y’abakuru b’ibihugu n’amareta yatunganijwe n’ishirahamwe mpuzamakungu rifatanije n’Ubudagi hamwe n’Ubutaliyano. Izobera i Paris ku murwa mukuru w’Ubufaransa kw’igenekerezo rya 12 ry’uku kwezi kwa cumi na rimwe.
Bitegekanijwe ko abakuru b’ibihugu n’amareta bavuye mu bihugu vyo muri Afrika n’ayandi makungu bazoyitaba. Umwumvikano muke uhagaze kw’itunganywa ry’amatora yo muri Libiya ategekanijwe kw’igenekerezo rya 24 ry’ukwezi kwa cumi na kabiri, urageramiye utwigoro two kurangiza ubwicanyi n’akajagari birangwa muri ico gihugu.
Visi Perezida Harris avuga Reta y’Amerika ishaka kwereka Abanyalibiya ko ishigikiye utwigoro twabo two gutunganya amatora hamwe no kuvana muri ico gihugu abarwanyi b’abanyamahanga hamwe n’abacangero bose. Harris azoba kandi ari mu rugendo rw’akazi rw’imisi itanu mu Bufaransa.