Ni ijambo Joe Biden aza kuvuga mu gihe abanyamerika bariko bitegurira guhimbaza ejo aho bukera umunsi mukuru w’umuganuro, bimenyerewe ko amamiriyoni n’amamiriyoni y’abanyamerika ahimbariza mu miryango n’abagenzi, abatari bake bagakora ingendo zitandukanye basanga abo baryango n’incuti
Kuri ino ncuro ariko, Reta yasavye abanyagihugu kwitwararika kuguma mu mihana yabo mu ntumbero yo kurwanya ikiza ca Virusi ya corona.
Umurwi wa Joe Biden uriko umufasha mu myiteguro yo gushikira ubutegetsi, watangaje ko Biden muri iryo jambo aza kandi gushimikira ku bwigoro Abanyamerika bariko baragira mu guhangana na Covid-19 muri ino minsi mikuru iheza umwaka, anerekana ko ibi bihe bikomereye isi Amerika izobirengera ifatanye mu nda.
Mw’ijambo rindi Joe Biden yaraye ashikirije atangaza abategetsi batandatu bashobora kuzokorana, yashimangiye ko Amerika yiteguriye kongera kuba imboneza mu burongozi bw’amakungu, ikareka gukumira ba somambike bayo mu kugwanira igihagararo n’ijunja vyayo.
Muri iryo jambo yavuze ko abo bategetsi yatoye niyo baramuka bagiye mu mabanga yabo batazosanasana ibisata vy’imigenderanire y’ico gihugu n’amakungu, hamwe n’umutekano waco gusa ahubwo nyabuna bazobigira bishasha.
Yabivuze asa nk’uwunebagura icivuga kiri mu vyaranze imyaka ine y’uburongozi bwa Perezida Donald Trump cagira kiti: “ Amerika imbere y’ibindi vyose” (America First).