Ariko kandi yanemeje ko Reta itigeze ifata ingingo zibereye kugira ikinge. Yatanze uturorero tw’amamiliyaridi arenga 30 yaronkejwe ONATEL kugira izamuke ariko atawuzi iyo yakamanaganiye bikigereka ku gukora nabi kwayo, aho abantu bayigana bamara igihe kirekire badatunganirizwa, bagaca bahitamwo kuja mu yandi mashirahamwe y’abikorera utwabo.
Bunyoni yamenyesheje ko hasigaye ibintu bibiri gusa: ukurivyura canke kurireka rigahomba abakozi bagatekererwa.
Ibi, umushikiraganji wa mbere avuga biremezwa na bamwe mubo bagiriranye inama. Evangeline Nibogora, umukuru w’igisata citaho abakiriya asanga imvo nyamukuru ari abakozi bakora batabifitiye ubumenyi bukwiye.
Dieudonee Manirakiza, akora mu gisata co kugenzura muri ONATEL yemeza ko ugufata nabi ibikoresho harimwo imiduga n’ugushira abakozi mu bisata batigiye biri mu bizingamitse ishirahamwe.
Marie Chantal Nijimbere, umushikiranganji ajejwe itumatumanako yasiguye bimwe mu vyatumye ibintu bigera aho vyunyuka. Birimwo imishahara yongewe abakozi kuva mu mpera zo mu mwaka 2006 n’ukutajana n’ibihe.
Umuyobozi mukuru wa ONATEL Privat Kabeba naho adahakana amakosa y’ikigo atwara asanga n’ukurihisha birimwo ikibazo kuko n’ikigo ca reta cegeranya amakori n’amatagisi hari aho gitangisha mu kibanza c’abatwara.
Mu gihe hari abidoga ko mu bishobora kwugaza kino kigo harimwo amadeni ya Leta, umushikiranganji wa mbere ntavyumva uko. Arabifitiye n’icemezo.
Ikigo kimwe Reta y’Uburundi ifise co gutumatumanako amakuru kiyifitiye hamwe n’amabanki amadeni arenga imiliyaridi 117 z’amafaranga y’amarundi. Hejuru y’ayo hajako n’amafaranga y’ihadabu, yo kutubahiriza amasezerano, na cane cane hagati yaco n’ibindi bigo mpuzamahanga.
Alain Guillaume Bunyoni yumvikanye n’abaserukira abandi muri ONATEL ko utunenge twose tugiye kuvanwaho maze Reta ku ruhande rwayo ikore icitegerejwe.