Inama mpuzamakungu ijejwe umutekano kw’isi yaraye yihweje umugambi wo kurangiza amabanga y’inteko mpuzamakungu zicungera umutekano ku rubibe hagati ya Sudani y’epfo na Sudani.
Urwo rwego ejo ku musi wa kabiri rwaratoye n’amajwi yose kwongera ikiringo inteko mpuzamakungu zishika 3700 zicungera umutekano mu ntara irimwo amatati ya Abyei, gushika kw’igenekerezo rya 15 ry’ukwezi kwa 11.
Inama mpuzamakungu ijewe umutekano kw’isi yarasavye kandi umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu Antonio Guterres gutegura urwandiko ruhindura kandi rurangiza igikorwa c’izo nteko. Mu ntango z’ukwezi guheze, Guterres yari yamenyesheje urwo rwego ko adashobora kubikora kubera ivyo bihugu uko ari bibiri bitavuga rumwe kuri ico kibazo.
Kimwe muri ivyo bihugu vyose uko ari bibiri kivuga ko intara ya Abyei icegukira.
Amasezerano yo mu 2005 yahavuye aha ubwigenge Sudani y’epfo, kikiyonkora kuri Sudani mu mwaka w’2011, asaba ivyo bihugu vyompi kwumvikana kuri iyo ntara. Yamara gushika ubu amatati ayerekeye ntaratorerwa inyishu.
Ingingo zapfunditswe ejo ku musi wa kabiri zirashira ahabona amakenga y’ukuntu Sudani na Sudani y’epfo vyose bigerageza kunaniza utwigoro tw’izo nteko two kugarukana amahoro.
Inama mpuzamakungu ijejwe umutekano yateye akamo Sudani na Sudani y’epfo, kabisaba gufata ingingo z’imfatakibanza vyumvikanyeko ku bijanye n’umutekano w’intara ya Abyei.