Intambara Hagati y'Uburusiya na Ukraine Irabandanya Muri Bakhmut

Russia Ukraine War Bakhmut

Intambara hagati ya Ukraine n’Uburusiya irakomeye cane mu duce twa Bakhmut na Marinka.

Igisirikare ca Ukraine kivuga ko mu ntambara iriko ibera muri utwo duce biboneka ko Uburusiya bushobora gukoresha amamisile hamwe n’ibindi bitero vyo mu kirere.

Mu vyegeranyo batanga buri musi abajenerali ba Ukraine bamenyesheje ko mu musi umwe uheze honyene Uburusiya bwakoze ibitero 41 vyo mu kirere kandi ko vyakomerekeje abanyagihugu, inyubakwa zabo hamwe n’inzindi za reta.

Umuvugizi wa Minisiteri y’ingabo y’Amerika, Brigadiye Jenerali Pat Ryder, yabwiye abamenyeshamakuru ku musi wa kabiri ko intambara mu karere ka Bakhmut itoroshe.

Uburusiya butangaza ko bwafashe igisagara ca Bakhmut kimaze igihe kitari gito kirangwamwo intambara ikomeye. Yamara Ukraine ivuga ko igifise mu minwe yayo ibice bimwe bimwe vyo hanze y’ico gisagara.

Brigadiye Jeneral Ryder avuga ko umugwi w’abasirikare bayobowe na Amerika mu gufasha kwivuna abansi muri Ukraine, ku musi wa kane biteguriye kuganira ku twigoro two gukoresha uburyo bwo kugwanira mu kirere buturuka ku butaka bwa Ukraine, ku gutanga ibikoresho hamwe no gutanga imyimenyerezo yo gukoresha indege z’intambara z’ubwoko bwa F-16. (VOA News).